I. Abanyagihugu baba muri Kinyinya na Mushasha muri zone Gatumba, ni muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura, bari mu kangaratete kuva kuri uno wa kabiri mu mutwenzi. Bikaba vyaturutse ku mazi y’uruzi Rusizi yabateye. Abo banyagihugu bakaba basaba leta ko urwo ruzi rwotunganywa neza kugira ntirubandanye rutera abo banyagihugu.
II. Mamert Sabushimike, akurikiranira hafi ibibazo vy’ibidukikije asigura ko abanyagihugu bo mu bice vya Gatumba bigeramiwe n’amazi y’uruzi rwa Rusizi, bategerezwa kuhimuka kugira ico kibazo gihere burundu. Akavuga ko amazi y’urwo ruzi arengera inkombe kubera ivyondo, bizanwa n’imvura kubera imisozi y’ibihugu 3 bisangiye urwo ruzi itakingiye iyo misozi mu gutera ibiti n’ivyatsi.
III. Abayoboke 61 bo mw’ishengero Word’s Glory Church of Christ bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi ya Ngozi kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri. Bakaba bafashwe n’igipolisi mu gihe bariko basenga kandi baririmbira cane mu rugo rw’umupasitori arirongoye. Bikavugwa ko hari n’ibifungurwa nk’ibiharage n’ibigori, igipolisi casanze aho nyene muri urwo rugo, bishoboka ko bari bafise intumbero y’ukuhamara imisi.
IV. Amakaziye yuzuye ibinyobwa vya BRARUDI hamwe n’intebe, vyaraye vyibwe aho bita kwa Kayaga no ku Majombe muri komine Nyabiraba mu ntara ya Bujumbura. Igitangaje, n’uko imodoka abo basuma bakoresheje ari iy’umutegetsi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi. Bane mu bakekwako ubwo busuma bamaze gufatwa n’igipolisi ubu bakaba bafungiwe muri komine ya Nyabiraba.
V. Haribonekeza ukutumvikana hagati y’abajejwe intwaro n’abafise ama machine asya ibigori hamwe n’ubududu bo ku mugwa mukuru wa komine Makamba, kuva ku musi wa kane w’indwi iheze. Imvo ngo n’iduzwa ry’amafranga 50 ku kilo c’ibigori cakuwe ku mafranga 100 gishirwa ku mafranga 150, ic’ubududu kiva kuri 50 kija ku mafranga 100, ivyatumye abajejwe intwaro baca bugara amazu yose arimwo ivyuma vyo gusya.