I. Abantu batanu nibo bamaze guhagarikwa n’igipolisi mwi Ijenda, muri komine Mugongo-Manga y’intara ya Bujumbura. Igipolisi kibahagarika kibagiriza kuba bararengeje amasaha yemewe bari mu bunywero bw’aho mw’Ijenda. Hari kuri uno w’Imana uheze. Umwe mu bapolisi bariko barakizura yararashe amasasu, ariko ayo masasu akaba ataco yononye. Ababanyi b’abafashwe basaba ko borekurwa, kuko bamwe mu bafashwe n’igihe izo nkoho zavuga batari muri ico kibanza.
II. Abantu batatu bo muri site y’abateshejwe izabo iri Gikomero ya Rango, mu ntara ya Kayanza, bapfungiwe muri komisariya y’igiporisi ca Kayanza kuva mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere, bakaba bagirizwa kuba bateye umutekano muke. Ariko inkuru ziva muri iyo site, zivuga y’uko boba bazira y’uko bafashe imbonerakure zariko zirakizura muri site, muri iryo joro nyene. N’inyuma y’aho abategetsi babiri, aribo Ombudsman n’uwutwara umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Kayanza batazira Ferdinand, baheruka kugendera iyo site basigurira abateshejwe izabo gusubira mu ngo zabo, ivyo nabo batemera.
III. Kuri uno wa mbere, ikigo CNC kijejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora, caratanze udushimwe ku bamenyeshamakuru bakoze neza kuvyereke kubana neza kw’abanyamigambwe. Hari mu ntumbero yo guhimbanza umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru, usanzwe uhimbazwa kuwa 3 Rusama. Agashimwe kamwe kahawe umupolisi akora mu gisata co guhanahana amakuru mu gipolisi. Innocent Muhozi arongoye ikigo OPB, kijejwe guhanurana mu bamenyeshamakuru, avuga ko ari ibiterasoni kubona agashimwe gahabwa urwego rutoteza abamenyeshamakuru.
IV. Ibiciro vy’ibiribwa bimwe bimwe vyaraduze muri uku kwezi mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo biribwa bikaba vyaraduze ku ncuro zirenga ibice 50 kw’ijana. Ababa muri ico gisagara, bavuga ko batabona ukwo bagiye kubaho, na kare ko muri kino gihe havurwa ubukene mu miryango.
V. Mu gihe abarundi baronka umuyagankuba bari hagati y’ibice 5% na 7%, ngo REGIDESO yarikwiye gusanura no kwagura uruhererekane rw’umuyagankuba mu Burundi. Ivyo n’ibishikirizwa n’umushakashatsi mu bijanye n’amasoko ntanganguvu. Ir Albert NSENGIYUMVA avuga ko ariko bigoye ko ishirahamwe REGIDESO ribishikako, mu gihe bisaba uburyo bwinshi. Uyo mushakashatsi akabona ko ibisata vyo kwimbura umuyagankuba no kuwudandaza, vyohabwa abikorera utwabo gutyo umwimbu w’umuyaga nkuba ukarwira n’igiciro kigabanuka. Ir Albert NSENGIYUMVA n’umushakashatsi mu bijanye n’umuyagankuba muri kaminuza ya Liege mu Bubiligi.
VI. Uko umwaka utashe igenekerezo rya 05 Rusama, isi yose irahimbaza umusi wahariwe isuku ry’iminwe. Iryo suku rero riza rikinga indwara nyinshi, harimwo ikiza Covid 19, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe OMS ryitaho amagara y’abantu kw’isi, rimenyesha ko rigiye gufasha mu kwongereza amazi meza, cane cane muri Afrika yo musi ya Sahara.