I. Imiryango y’abanyororo cumi na batatu bagirizwa igitero cabaye kw’ikambi ya gisirikare yo ku Mukoni mu ntara ya Muyinga, baridogera sentare ntahinyuzwa ko kuva bunguruje urubanza haheze imyaka ine rutarigera rwumvirizwa. Basaba ko iyo sentare yotomora neza ingingo yafashe kugira bamenye iyo urubanza rwabo rugeze.
II. Itunganywa ry’ibitaro bikuru vya Makamba rirateye amakenga abakozi, mu gihe babona ko buke buke ivyo bitaro bisa n’ibiriko biratunganywa n’akagwi k’umuryango w’umuyobozi ajejwe ivy’intwaro n’ubutunzi. Kuva ashitse kuri ivyo bitaro mu 2018, Eric Ndayirukiye amaze gusubiriza abakozi barenga 10, bahora bahembwa na leta abasubiriza abahembwa n’ibitaro, abarenga igice muri abo bakaba ari abo mu muryango w’uyo muyobozi ajejwe ubutunzi bw’ivyo bitaro. Abo bakozi bagasaba ubushikiranganji bw’amagara y’abantu gukwirikiranira hafi itunganywa ry’ivyo bitaro babona ko bishobora guhomba.
III. Iduzwa ry’amafaranga y’itike yo kwiyunguruza ryakiriwe nabi n’abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura. Bamwe mu baganiriye na radiyo Inzamba Agateka Kawe, bamenyesha ko iryo duzwa rije gusongera isibe mu bukene busanzwe bubugarije.
IV. Umuntu umwe yarishwe n’igipolisi ca Tanzaniya, uwundi araraswa, izindi mpunzi z’abarundi bagisaba ubuhungiro muri ico gihugu barafatwa bongera barakubagurwa n’igipolisi ca Tanzaniya imbere yo gutahanwa ku nguvu mu Burundi. Ivyo biri mu cegeranyo c’amezi atatu aheze c’amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi ziri mu makambi yo mu gihugu ca Tanzaniya. Ico cegeranyo kikaba gishira ahabona uruhara rw’igipolisi c’ico gihugu kuri ayo mabi akorerwa impunzi z’abarundi.
V. Abantu bose basavye urupapuro rw’inzira bita passeport, ubu barashobora kururonswa ukuri kwamye, inyuma y’amezi arenga atandatu urwo rupapuro rutaboneka ku biro vy’igipolisi kijejwe gucungera uruja n’uruza ku mbibe PAFE. Vyamenyeshejwe na commissaire mukuru arongoye PAFE mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane. Maurice Mbonimpa yongeye aramenyesha ko batanguye no kwakira bashasha basaba ivyo bitabo vy’inzira.