I. Sentare y’iyungururizo ya Ntahangwa yafashe ingingo y’uko abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bagumizwa mu munyororo. Iyo nkuru ikaba yakiriwe nk’incamugongo mu mwuga wo kumenyesha amakuru.
II. Urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ rurababajwe n’ingingo yafashwe na Sentare, yo kubandanya gufunga abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu. Kubwa Alexandre NIYUNGEKO arongoye urwo runani, ngo bitebe bitebuke ukuri kuzotsinda, ngo kuko abo bamenyeshamakuru bahowe gukora umwuga wabo wa minsi yose. Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi, Agnès Ndirubusa hamwe na Egide Harerimana bafunzwe kuva itariki ya 22/10/2019, bagirizwa kuba bifadikanije n’abarwanyi mu kudurumbanya umutekano, bakaba bafungiwe i Bubanza.
III. Aimé Magera aserukira umugambwe CNL mu makungu amenyesha ko ivyashikirijwe na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ko batazopfa bavyemeye. Magera akamenyesha ko abanyagihugu basahuwe intsinzi yabo, aribo bazongera bakayironderera.
IV. Agathon Rwasa ashobora kwitura sentare y’akarere ka Afurika y’ubuseruko nk’umunyagihugu asanzwe ashaka kwerekana gusa ko mu matora aheze, amategeko yahonyanzwe. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Bashirahishize Dieudonné, avuga ko ariko iyo sentare idashobora kuvuguruza ingingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro. Uyo mushingwamanza avuga ko ata kinini iyo sentare umuntu yoyitegako.
V. Abantu barenga 63 nibo bamaze kwandura ikiza COVID 19, 33 barakize, abandi bari kumiti, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu. Abarundi ngo nibakurikize ingingo leta yafashe y’ugukinga n’ugupima abanyagihugu, mu kurindira yuko ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS rishikiriza ingingo ngenderwako igihugu cose cogenderako.
VI. Imiti ifashwe n’abarwayi itanditswe na Muganga ishobora kugira ingaruka mbi ku mubiri w’umuntu canke ikamumerera nabi. Imiti kama, ngo isubiza inyuma igisata c’ubuvuzi cane, kuko abayitanga uretse ko barihisha amafaranga y’umurengera, ata bikoresho vya kijambere vyo gusukura no gupima urugero rw’iyo miti, baba bafise. Bimenyeshwa n’umuhinga mu gisata c’ubuvuzi akaba n’umushakashatsi Côme Konakuze. Ivyo akaba abivuze inyuma yaho mu Burundi abiketse ko boba banduye ikiza ca Covid19 kubera ko batakirwa ku bitaro bimwe bimwe, baheza bakaja kurondera imiti ya magendo n’iy’ikirundi yo gupfupfahaza.