Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/06/2023

Publié le 5 juin 2023 par Rédaction
I. Umusore w’imyaka 24 yari azwi kw’izina rya Anicet Tangishaka wo ku mutumba Gashare na komine Ngozi, yaritavye Imana kuri uwu w’Imana, bivugwa ko urupfu rwiwe rwavuye ku mahiri yakubiswe n’uwitwa Alexis Manishimwe. Nk’uko inkuru zitangwa na bamwe mu baba kuri uwo mutumba wa Gashare, uwo musore Anicet Tangishaka ngo yari yanyoye inzoga yaborewe. Araheza yinjira mu rupangu rubamwo Alexis Manishimwe, uwo na we ngo ntiyavyihanganiye, arikwo guca yugara urupangu araheza atangura kumukubita amahiri. Abantu bamaze kwumva induru barahashitse gutabara ariko uwo musore yari asigaye ari ikiruruma. Baciye bamusimbana kw’ivuriro ryo mu Mivo risanzwe riri mu micungararo ariko yahavuye acikana. Uwo nyene urupangu bivugwa ko yoba ari we yabaye intandaro z’urupfu rw’uwo musore akaba yaciye afatwa ajanwa mu gasho ka komisariya y’igipolisi i Ngozi, aho muri kino gihe ariko agirwako amatohoza.
II. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amenyesha ko agiye gushira inguvu ziwe zose ku manza ziri mu masentare zaciwe zishirwe mu ngiro. Ku bwiwe ngo birababaje kubona abacamanza batarenganura ababituye. Avuga ko agiye gukwira ama komine yose y’igihugu kugira ngo imanza zose zaciwe zishirwe mu ngiro. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yabimenyeshereje kuri uyu wa gatandatu w’indwi iheze mu bikorwa rusangi yakoreye mu ntara ya Muyinga.
III. Imvugo nk’iyo umukuru w’igihugu si ubwa mbere ayikoresha. Bivugwa na Vital Nshimirimana yahoze arongoye urunani rw’abacamanza SYMABU. Ku bwiwe, umukuru w’igihugu arazi abacamanza barya ibiturire canke bakanyegeza ama dosiye. Nyabuna n’ahindure urwego rw’abacamanza arutunganye gushasha agene abacamanza babishoboye kandi buzuriza bose.
IV. Ishirahamwe ESDDH ryishinze gushigikira abaharanira agateka ka zina muntu rirababajwe cane n’umupfungwa azwi kw’izina rya Ngendakumana Leonidas, yakubiswe na bagenzi we mw’ibohero rikuru rya Gitega, gushika aho yitaba Imana. Hari mw’ijoro ryo ku wa cumi na kane rishira ku wa cumi na gatanu Rusama, uyu mwaka. Germain Rukuki arongoye iryo shirahamwe asaba ko abakoze ako kabi kabishe bohanwa hakurikijwe amategeko, ntibakingirwe ikibaba na rirya bazwi.
V. Iyo hamaze kwibonekeza ukutihanganiranira mu vya politike bigakorwa n’umugambwe uri ku butegetsi, vyerekana ko ubutegetsi bushaka gukwegera igihugu mu ntwaro y’umugambwe umwe, kandi bitagishoboka mu Burundi. Muri ico gihe, abarundi bakwiye kubihinyanyurira mu matora akwirikira bakabona ko ata neza uyo mugambwe ashakira igihugu. Bishikirizwa na Ferederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR Arusha. Abivuze mu gihe hamaze imisi hibonekeza iburagizwa ry’abanywanyi b’umugambwe CNL, hamwe no kwugariza ingoro z’uwo mugambwe. Ku bwiwe ngo kwihatira ku gihugu ata co ukimariye abanyagihugu ntaco bimaze.
VI. Urudandazwa rw’amacupa y’ibinyobwa vya BRARUDI, rurabujijwe mu masoko yose ari mu ntara ya Muyinga. Ni mu gihe abajejwe intwaro muri komine Muyinga bafadikanije n’igipolisi bahamagarira abadandaza amacupa yavuyemwo ibinyobwa bitandukanye bihingurwa n’ishirahamwe BRARUDI kuvavanura n’iyo ngendo, kuko ayo macupa abayibwe mu bunywero agaca atwarwa kw’isoko. Mu ntara ya Muyinga akaba ata duka canke isoko n’imwe iriho irangurirwamwo ayo macupa. Umunyamabanga nshingwabikorwa ntayegayezwa wa komine Muyinga, Jumaine Badende, akavuga ko abadandaza ayo macupa bategerezwa gutuzwa, mu ntumbero yo gukumira ingendo y’ubusuma.
VII. Kuri uyu wa mbere, isi yose yaramutse ihimbaza umusi wahariwe ibidukikije. Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres yibukije ko isi yose itegerezwa guhaguruka ikarandurana n’imizi utumwanya twa plastique. Ngo ingaruka mbi ni nyinshi kubera ubumara buva muri ubwo bumwanya bwa plastique. Ubwo bumara tukabusanga mu vyo dufungura, mu mazi tunywa no mu mpwemu duhema.
VIII. Mu Burundi, uwo munsi ushitse igisata c’ibidukikije gihanzwe n’ibibazo bitari bike harimwo itituka ry’amashamba, imyuzurira hamwe n’inyubako zitubahiriza amategeko. Ni ko bibonwa n’ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo. Kubwa Faustin Ndikumana arirongoye, ngo ico gisata kirakeneye kuronswa uburyo bukwiye kugira izo nzitizi zose ziveho.
IX. Uwurongoye umutumba wa Kayenzi, komine n’intara ya Muyinga, Butoyi Selemani, arafungiwe mu gipolisi c’inyamiramabi kuva ku wa gatatu w’indwi iheze, yagirizwa kwononona ibidukikije mu kwicira ibiti atabifitiye uruhusha, nk’ukwo amakuru ava mu ntwaro muri komine Muyinga avyemeza. Butoyi Selemani ngo yasavye ibiti vyo kwubakira ba ntahonikora, aronswa uruhusha rwo guca ibiti 40 nk’ukwo ayo makuru abandanya abimenyesha. Ariko uwo mutware ngo yaciye acisha ahiwe yicira ibiti vyinshi ngo yoba yaraturiyemwo n’amakara, nk’ukwo amakuru yo kwizera ava ku mutumba Kayenzi avyemeza. Uwo mutware akaba atarashikanwa imbere y’umucamanza, bikavugwa ko ashobora guhanishwa ihadabu gusa.
X. Mu makuru y’inkino, umugwi w’umupira w’amaguru Aigle noir w’i Makamba ni wo watahukanye igikombe c’inkino zitiriwe umukuru w’igihugu, ku munsi wa gatandatu. Nayo muri Basketball, Urunani nirwo rwatahukanye igikombe c’ihiganwa ku rwego rw’igihugu. Mu gusiganwa n’imiduga naho haratunganijwe kuri uyu w’Imana ihiganwa ryo gutegura abazoserukira Uburundi, mu mahiganwa yo ku mugabane wa Afrika azoba mu kwezi kw’umunani.

Ibindi bisa n'ibi