Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/07/2021

Publié le 5 juillet 2021 par Rédaction
I. Ibiziga bitatu vy’abantu b’abagabo vyaratowe mu ntara ya Cibitoke kuri uwu w’Imana. Babiri muri abo bapfuye ntibarashobora kumenyekana nkuko amakuru ava aho mu Cibitoke avyemeza. Isekeza SOS-Torture iharanira agateka ka muntu iriyamiriza ico yise ubukozi bw’ikibi,  igasaba ko haba amatohoza kugira ababukora bamenyekane.
II. Hari umukenyezi w’umupfakazi wo muri komine Nyarusange mu ntara ya Gitega, ababanyi biwe batabariza ko ariko agirwako iterabwoba n’abajejwe intwaro be na bamwe mu gipolisi. Bamwagiriza ko abana biwe boba bari mu baherutse kugandagura umudereva w’imodokari yarasiwe muri iyo komine. Abegereye uwo mupfasoni bavuga ko ariko ahorwa ko abana biwe ari abanywanyi b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa.
III. Ihagarikwa ry’agasakisaki ngo rirateye amakenga abanyagihugu ba komine ya Vugizo mu ntara ya Makamba. Iryo hagarikwa ryavuye aha nini kuri grenade yatewe ku rugo rw’uwurongoye zone Mpinga mu kwezi guheze. Abantu batanu bakaba bamaze guhagarikwa harimwo abahoze mu gisirikare batatu.
IV. Imyaka 75 y’amavuko ni yo musenyeri Simoni Ntamwana wa dioseze nkuru ya Gitega yaraye ahimbaje. Uyo mwepiskopi azwi cane ku mpanuro atahengeshanije gutanga ku bategetsi b’igihugu ahereye ku mukuru w’igihugu ubwiwe.  Simoni Ntamwana yabivuga mu bikorane yatumirwamwo vyatunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi canke umuryango w’umukuru w’igihugu. Mu 2018, Musenyeri yabwiye abo bamutumiye ko atemera ko ijambo ry’Imana ari ryo bashira imbere koko.
V. Ishure ryisumbuye rya lycée Gatara riri mu ntara ya Kayanza rimaze hafi amezi ane ritagira amazi. Iryo bura ry’amazi rikaba ryaturutse k’ukwononekara kw’imihora kwatewe n’imvura. Mu gihe kuri uwu wa mbere, iryo shure ryakiriye abanyeshure bazohakorere kuva ejo aho bukera ikibazo kibaha uburenganzira bw’ukubandaniriza ivyigwa vyabo muri za kaminuza, abavyeyi n’abanyeshure basaba ko horonderwa inyishu yihuta ku neza y’abo bana.
VI. Abantu bahitanwa n’ikiza Covid-19 bariyongereye ku bice 15 kw’ijana mu bihugu 38 vyo ku mugabane wa Afrika  mu kiringo c’indwi imwe yarangiye kuwa 27 Ruheshi uno mwaka. Ubwoko bwa Delta bugira gatatu bw’ico kiza ngo buteye ubwoba kuruta ubundi bwoko bumaze kwigaragaza nk’uko bishikirizwa na Dr Matshidiso Moeti, arongoye ishirahamwe OMS ku mugabane wa Afrika. Ubwo bwoko bushasha bumaze kwigaragaza ku bice 79 kw’ijana vy’abanduye muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Muri Ouganda naho ni 97 kw’ijana vy’abanduye ku bantu bapimwe muri ico kiringo  c’indwi imwe.

Ibindi bisa n'ibi