I. Inkoho 17 zo mu bwoko butandukanye ni zo zaraye zitowe ku mutumba Mukubano 1 wa zone Muyange muri komine Nyanza-lac. Nk’ukwo amakuru dukura ku bajejwe intwaro ngaho, ivyo bigwanisho vyatowe n’abariko barafyatura kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 4 uku kwezi. Amakuru dukura mu gipolisi avuga ko inkoho zatowe ari 3 zo mu bwoko bwa Kalachnikov, Mag 2, G3 zitanu, L4 zine, inkoho 1 itera ibibombe vya mortier 60, pistolet 1 hamwe na canon y’inkoho 1 yo mu bwoko bwa Fal. Amakuru dukura mu bahoze bagwana mu muhari FDD atumenyesha ko ivyo bigwanisho vyahambwe n’abagwanyi ba FDD mu gihe c’intambara muri 1998, kubera izo nkoho nyinshi zari zabuze amasasu. Mu nyuma ngo bakaba bararondeye aho bazihamvye barahabura, kubera kwibagira ikimenyetso c’aho bazinyegeje. Izo nkoho zikaba zari zaramaze zose kwononekara zaciye zitwarwa ku gipolisi co ngaho Nyanza-lac.
II. Abantu bane bo ku mutumba Gashasha wo muri komine n’intara ya Rumonge barapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi ca Rumonge, kuva ku mugoroba wo ku musi wa mbere. Amakuru ava mu banyagihugu baho mu Gashasha, yemeza ko bahowe kwagiriza ku mugaragaro umukuru w’uwo mutumba, inka ziwe zidasiba kwonera abanyagihugu kandi ntihagire ingingo zifatwa. Abanyagashasha hamwe n’imiryango y’abapfunzwe basaba ko borekurwa kuko ivyo bavuze ari ukuri.
III. Abavyeyi batari bake mu buyobozi bw’indero bwo muri komine n’intara ya Muyinga baradohotse ku ngendo nziza yo gukundisha ishure abana babo, ico gikorwa bakaba bagihebeye abarezi. Ivyo ni ibishikirizwa n’umuyobozi w’indero muri komine Muyinga, Jean-Baptiste Basomingera, akabivuga afatiye ku bana barenga ibihumbi bitatu (3000) bahevye ishure, mu gice ca mbere n’ica kabiri mu mwaka w’ishure wa 2022 ushira 2023. Uwo muyobozi agasaba abajejwe intwaro gufashanya na ntaryo n’abarezi mu kuronderera hamwe umuti w’iyo ngorane y’abana baheba ishure, abavyeyi batuma abana baheba ishure bakaronka ibihano.
IV. Ubuyobozi bw’indero mu ntara ya Muyinga, ntibwari bukwiye gutako umwikomo abavyeyi, iyo abana bahevye amashure. Bishikirizwa na Eulalie Nibizi yahoze ari umwigisha akanarongora syndicat y’abigisha. Ku bwiwe, abayobozi b’indero mu ntara bakwiye kwiga igituma abo bana baheba amashure, bakongera bakanashinga ama comités y’abagenzi b’abana, aho bashobora kumenya ingorane zose bafise, kugira bige ikibazo c’umwe umwe wese.
V. Abakozi bato bato bo mw’ishirahamwe Regideso bakorera mu gisata co mu ntara ya Rumonge baragiriza uwurongoye igisata ca Regideso mu Rumonge kurya ruswa no kunyuruza ibikoresho abifadikanije n’abantu badakora muri Regideso ngaho mu ntara ya Rumonge, ariko basigaye bifata nk’abakozi b’iryo shirahamwe. Basaba ko ivyo bintu vyohagarara.
VI. Nimba abategetsi b’Uburundi bipfuza koko gushikira ihangiro rya 2040-2060, bategerezwa gusubira kwiyegereza abahora bafasha Uburundi. N’akamo gaterwa n’ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM. Faustin Ndikumana, umuyobozi w’iryo shirahamwe amenyesha ko igihugu gifise ideni ryo hanze n’iryo hagati mu gihugu rirenga imiliyaridi ibihumbi bitanu. Ku bwiwe, ntayindi nzira n’imwe ishoboka kugira ubutunzi bw’igihugu busubire kwisununura. Ikindi abona n’uko abakozi ba leta bategerezwa kurwiza umwimbu, kugira bunganire leta mu migambi yayo.
VII. Kubona hari abategetsi bashikiriza ivyo biyumviriye, bakagomba kubifata nk’itegeko rigenga igihugu, ni ingendo itabereye na gato. Bishikirizwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, inyuma yaho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi Martin Niteretse, amenyesheje kuri uyu wa mbere, ko uwujejwe intwaro wese ahari mu gihugu azosubira guhirahira agasinyira impapuro umunyamahanga aguze ubutaka bw’uburundi azohigwa ahanwe bikomeye. Kubwa Janvier Bigirimana yanonosoye ivy’amategeko, ingingo nk’iyo ifashwe, ishobora gutuma n’ibindi bihugu biyifatira abarundi babibamwo bipfuza kugura itongo canke parcelle.
VIII. Impunzi z’abarundi bageze mu zabukuru n’abagendana ubumuga bari mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, barataka bagatakamba ko bagiye kwicwa na kigoyi. Ni mu gihe haheze indwi zibiri leta ya Tanzaniya n’amashirahamwe afasha impunzi, bafashe ingingo yo guhagarika ibifungurwa abo batishoboye bahora bahabwa. Basaba guhagarika iyo ngingo, ahandi ho bagiye guhwera na kigoyi.