Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/08/2023

Publié le 5 août 2023 par Rédaction
I. Hari umukenyezi w’imyaka irenga 30 asanzwe aba muri karitiye Kigwati mu gisagara ca Kayanza apfungiwe muri komisariya y’igipolisi, kuva ejo ku musi wa gatanu. Akaba yikekwa kuba yaragize uruhara mu rupfu rw’umugabo wiwe yitavye Imana mw’ijoro ryo ku musi wa kane buca ari ku wa gatanu, ku rugo iwe. Ishirahamwe riharanira agateka k’abagabo rigasaba ko mu gihe uwo mukenyezi yokwagirwa n’icaha, yohanwa hisunzwe amategeko.
II. Leta irakwiye kuraba igatezurira abanyagihugu ku bijanye n’ibiciro idahengeshanya kuduza uko bukeye uko bwije, kandi izi neza ko itongereje imishahara. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Ngozi baganya ko basanzwe bugarijwe n’ubukene, abafise ubuzi bakora na bo amafranga bahembwa akaba atakibashoboza guhangara ivyo biciro vy’umurengera, eka n’abadandaza birabagora kuko hibonekeza ubukene muri rusangi, bigatuma utwo badandaza tutagurwa nk’uko vyahora.
III. Itotezwa ry’impunzi z’abarundi bahungiye mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya rirabandanya. Urwaruka rw’abasungusungu ruhurikiyemwo impunzi z’abarundi rwazindutse rutemagura imirima itandukanye harimwo ibitoke. Impunzi ziriyamiriza iryo totezwa risigaye rikorwa na benewabo b’impunzi kubera uguhendwa n’abategetsi b’ico gihugu.
IV. Mu runani CBDH-VICAR ruhananira agateka k’impunzi ziba mu makambi baranegura bivuye inyuma inyifato y’igihugu ca Tanzaniya, kiriko kirafata nabi impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Nyarugusu. Jean Bosco Vyizigiro, avugira urwo runani, atanganzwa ni ukuntu ico gihugu cemeye kubaha ubuhungiro ariko kikabima uburenganzira bwo kuronka amazi n’ubwo kurima utwo bafungura. Bagasaba ko abarongoye ico gihugu bokwikubita agashi bagahagarika ako gatotezo.
V. Naho bamwe mu mpunzi babandanya batotezwa, abandi aho bari barerekana ico bashoboye mu buhinga bwa none. Umwe mu mpunzi z’abarundi zahungiye mu gihugu c’Urwanda, yanonosoye ibijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi, yashize ahabona ubuhinga bushasha yise Iwacu box. Irinimbabazi Jean-Marie Vianney amenyesha ko ubwo buhinga buje gufasha abantu benshi kuronkera icarimwe ubutumwa nko mu mashure, ku bitaro canke mu mashirahamwe atandukanye.
VI. Irinimbabazi Jean-Marie Vianney arongera akamenyesha ko iyo logiciel nshasha ishobora gukoreshwa n’uwari we wese. Jean-Marie Vianney atera akamo abandi barundi kwijukira kunonosora ubumenyi aho baba bari hose.
VII. Ikiganiro Kw’īsôko c’uno musi kigaruka kw’iduga ry’agasakisaki ry’ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi