I. Gukuraho imigwi irwana mu karere, guhanahana ibidandazwa be no kugwaniriza hamwe ikwirakwiza rya Covid-19, ivyo nivyo vyaranze ibiganiro vyahuje umushikiranganji w’imigenderanire ya Congo n’Uburundi mu rugendo umushikiranganji w’ico gihugu ca Reta iharanira Demokarasi ya Congo yarimwo mu Burundi. Ku ruhande rw’Uburundi, Albert Nshingiro yavuze ko intumbero ari ugukorana n’ico gihugu mu gutorera hamwe umuti w’ibibazo bihanze akarere.
II. Abasirikare b’abarundi bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya basaba bashimitse urwego rwa Amisom, kubafasha kuronswa imishahara yabo y’amezi icenda. Abo basirikare batangazwa n’ukuntu leta y’Uburundi ishaka kwigomborera abasirikare bayo, kandi abasanzwe bariyo batararonswa agahembo kabo. Umwe mu basirikare bagiye kugarukana amahoro muri Somaliya asaba ashimitse ko boronswa imishahara kubera imiryango yabo ikeneye kubaho.
III. Umusi mpuzamakungu wahariwe umwigisha uhimbazwa kuri uno wa 05 Gitugutu, ushitse hari imyidogo mu bigisha. Ivyo bikava ku mishahara bavuga ko ari mito idahuye n’akazi bakora, ivy’inganishwa ry’imishahara bemerewe ntibije mu ngiro, n’amajambo atabahumuriza aherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu. Ariko rero hari n’abandi bigisha babona ko vyose bigenda neza, naho bahembwa umushahara muto.
IV. Ishirahamwe mpuzamakungu UNESCO rero ngo ryashizeho uwo musi mu ntumbero yo guhimiriza abantu ku vyerekeye akamaro n’uruhara rw’abarimu mu bijanye n’inyigisho.
V. Uwu musi mukuru abigisha bo mu ntara ya Makamba bavugako bawuhimbaje bamaze imisi bagirwako iterabwoba n’umuyobozi w’indero muri iyo ntara.
VI. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bariko barubaka amazu ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga, aho bavugako isima isanzwe ihingurwa n’ishirahamwe BUCECO isigaye ari umuzi w’ibuye, nkuko amakuru radio inzamba yaronse avyemeza. Muri kino gihe, abasanzwe badandaza iyo sima bayitanga ku kimenyane naho nyene mu kinyegero, ku giciro kiri hagati ya 28.000 na 30.000, nkuko amakuru atandukanye avyemeza. Ivyo biri uko mu igihe igiciro cashinzwe na Leta kitarenga ibihumbi 24.500 ku mufuko. Bamwe mu bavuganye na Radio Inzamba bamenyesha ko ubwo bukene bw’isima ya BUCECO butumvikana mu gihe intara ya Muyinga yaheruka kuronka ku wa 17 Nyakanga amatoni 70 y’iyo sima ya BUCECO. Abakoresha isima muri kino gihe bakaba baca bagura isima ihungurirwa mu gihugu ca Tanzaniya, aho umufuko ugurwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi 33.000 na 35.000.
VII. Abarimyi bagera ku 200 b’ikawa bo ku mitumba itandukanye, bazindutse bugariza ibiro vya buramatari wa Kayanza, bakaba bariko barasaba amafaranga yabo y’izo kawa yo mu mwaka wa 2020 mw’ishirahamwe kjsco.
VIII. Abanyagihugu bo mu ma zone ya Mariza na Maramvya muri komine Burambi y’intara ya Rumonge, baratewe umutima uhagaze n’iterabwoba bakorerwa n’imbonerakure yo mu gacimbiri Rabiro. Abo banyagihugu basaba ko yofatwa akabazwa n’ubutungane, ku muntu yatemye ukuguru muri zone Maramvya no ku bandi aguma agirako iterabwoba.
IX. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bamaze iminsi 350 bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, mu ntara ya Bubanza. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ingingo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu babandanya biyamiriza.