I. Kw’igenekerezo rya 5 Gitugutu ukwo umwaka utashe, amakungu arahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abigisha. Ni umusi washizweho mu ntumbero yo guhimiriza abantu ku kamaro n’uruhara abigisha bafise mu guteza imbere indero, soko ry’iterambere kw’isi. Icivugo c’uyu mwaka akaba ari ; “Abarimu, umushinge mu kunagura indero”.
II. Abarimu bahamagarirwa kudahara mu gikorwa co kunagura indero mu Burundi naho bakora mu buryo butoroshe na gato. Ivyo biri mu rwandiko umuhari MAP BURUNDI Buhire wandikiye abarimu. MAP BURUNDI wereka abarimu ko bafise uruhara ntangere muri kazoza k’igihugu.
III. Umunsi wahariwe umwigisha ushitse, ku bw’urunani RCP ruhamagarira abarundi kuba intungane, abigisha bugarijwe n’ibibazo vyinshi harimwo no kudahabwa agaciro nka mbere. Kubwa Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urwo runani, ngo uno munsi ntiwari ukwiye kuba uwo gukeza abigisha gusa, ahubwo ube akaryo ko gusaba leta ko yobashigikira muri vya nkenerwa vyose, kugira ababakurako ubumenyi baze barabuhabwa n’abigisha b’akarorero.
IV. N’akaryo kandi kuri urwo runani RCP ko gukebura bamwe mu bigisha bata umurongo kugira bisubireko bamenyeko bajejwe gutanga indero yabo bareze, batajejwe nyabuna kuyititura. Gervais Nibigira.
V. Abanyeshure barenga 15 biga kuri Lycée ya Kanyinya muri komine n’intara ya Kirundo baba mu buraro ni bo batowe umugera wa Covid-19 guhera mu ndwi iheze. Abo batowe uwo mugera inyuma y’ikiringo cababa ukwezi amashure atanguye, abanyeshure bari bategetswe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kwinjira mu buraro ari uko berekanye urupapuro rwemeza ko bimishije umugera wa Covid-19.
VI. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL muri komine Gatara y’intara ya Kayanza, yafashwe n’abapolisi bambaye gisivile haraheze indwi zibiri zirenga. Abegereye umuryango wiwe basaba kumenyeshwa aho uwabo yajanywe gupfungirwa. Bavuga kandi ko bafise amakenga ku mutekano wiwe. Aho mu ntara ya Kayanza hakaba havugwa uruhigi rudasanzwe ku banywanyi b’umugambwe CNL, aho hari abarenga cumi bamaze igihe bafunzwe.
VII. Uko komiseri Moise Arakaza yigenza ngo ni ikimenyetso c’uko mu Burundi higanje ukudahana ivyaha kuri bamwe bamwe bashigikiwe n’ubutegetsi, ivyo bishikirizwa na Pacifique Nininahazwe ari mu baharanira agateka ka muntu mu Burundi. Asigura ko iyo ntwazangabo mu gipolisi c’Uburundi adahengeshanya gusinzikariza ubuzima bwa kiremwa muntu aho yagiye arakorera hose. Pacifique Nininahazwe akavuga ko ivyo bivuguruza ivyo umukuru w’igihugu aheruka gushikiriza mu nama nkuru ya ONU, ko mu Burundi harangwa ubutungane n’ukubahiriza agateka ka muntu. Uwo Moise Arakaza batazira Nyeganyega, aherutse gutoteza umusirikare mu kumukubita anamutera ubwoba ko ashobora no kumurasa bikijana.
VIII. Bamwe mu mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, baridogera abarongoye iyo kambi ko babankira gutahana amatungo yabo. Iryo ngo rikaba ari ihohoterwa mu yandi, nk’uko bishikirizwa n’urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi ziri mu makambi, CBDH-VICAR.