I. Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 5 gitugutu, isi yose yaramutse ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umwarimu. Icivugo c’uno musi ni ‘‘ihinduka mu gisata c’indero gihera ku mwigisha’’. Mu Burundi umwarimu ahamagarirwa kwitanga bikwiye, kugira ubumenyi atanga bufashe mw’inagurwa ry’inyigisho. Akamo gaterwa na Frédéric Bangirinama, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’indero. Mw’itangazo ry’uyu munsi, ubushikiranganji bw’indero bwiyemeje kubandanya bugiranira ibiganiro n’abarimu n’ugutsimbataza intwaro ibereye mu mashure.
II. Abarimu bavuganye na Radiyo Inzamba Agateka kawe bamenyesha ko uwo munsi ushitse bari mu bukene budasanzwe. Basaba leta gushira mu ngiro umugambi wo kunganisha imishahara ku bakozi ba leta.
III. Ubuzima n’akazi k’abigisha mu Burundi bifise inzitizi nyinshi. Haba mu gahembo, uburyo bigishamwo, canke no mu bwigenge bwabo, vyose biza bituma akanovera k’inyigisho gatituka. Ivyo binegurwa n’umwigisha Karoli Nditije, yahoze arongoye kaminuza y’Uburundi, akaba akurikiranira hafi ibijanye n’indero mu Burundi.
IV. Ariko rero Karoli Nditije aravunira akagohe abategetsi, ko bokwikubita agashi bagasubiza agateka abigisha n’indero.
V. Umunyeshure w’umwigeme w’imyaka 21 yariyatse ubuzima mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere buca ari ku wa kabiri. Uwo mwigeme yavuka ku musozi Busambo muri komine ya Muruta n’intara ya Kayanza, akaba yari yiga mu mwaka wa gatatu w’ishure ry’inderabigisha kw’ishure ryisumbuye rya lycée Muruta nyene. Inkuru ziva muri iyo komine nyene zikavuga ko uwo mwigeme yiyahuye akoresheje umugozi, inyuma y’aho yari yamye kwa muganga kwipimisha kugira arabe ko ata nda yoba yaratwaye, ibipimo bikerekana ko afise imbanyi y’amezi atanu. Abajejwe intwaro muri iyo komine bavuga ariko ko bigoye gutegera neza igituma nyakuri catumye yiyaka ubuzima. Bagahamagarira ariko abandi bigeme kwigenza neza kugira ntibagwe mu ngorane nk’izo, abo vyoshikira na bo bagasabwa kwibaruka ibibondo bibungenze, ngo kuko n’inyuma y’aho ubuzima burabandanya.
VI. Umushingwamanza Sandra Ndayizeye ntakibandanije kuburanira Dr Christophe Sahabo yahoze ari umuyobozi mukuru w’ibitaro Kira Hospital, apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ruyigi. Ivyo biri mw’ikete yamwandikiye kuri uno wa kabiri amumenyesha ko ahagaritse amasezerano yo kumuburanira ku mvo atashoboye gutomora neza. Yasavye ibitaro Kira hospital kurondera uwundi yomusubirira, aha tukibutsa ko Sandra Ndayizeye asanzwe nawe nyene apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba. Mu baharanira agateka ka muntu, Me Janvier Bigirimana akaba yaranonosoye n’amategeko asigura ko iyo ngingo ari ikimenyetso c’uko uwo mushingwamanza yakorewe iterabwoba ridasanzwe kugira asokore muri urwo rubanza Kira Hospital iburana na leta y’Uburundi.
VII. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Muyinga bariyamiriza ingingo ya musitanteri w’iyo komine yo kwugara amaboutike yose, bagategekwa kuja gukorera mw’isoko nshasha iri ku mutumba wa Mukoni, ni mu ntara ya Muyinga. Abo banyagihugu bavuga ko uretse ko ahubatswe isoko atari hafi y’imihana aho bitaba vyoroshe kuronka abaguzi, bavuga ko ikibanza kirimwo isoko bafise amakenga ko basizeyo ibintu vyabo bishobora no kwibwa.
VIII. Isekeza ryo gupompa imibu ryatanguye kuri uyu wa gatatu mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Impunzi ziba muri iyo kambi zirashima ico gikorwa, ariko rero zigasaba kuronswa amasabuni kuko bavuga ko bamaze amezi arenga ane batazihabwa. Batinya ko bazohava bandura indwara zifatiye kw’isuku rike. Basaba kuronswa amasabuni kuko indwara zishobora kubabangamira atari malariya gusa.