Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/11/2022

Publié le 5 novembre 2022 par Rédaction
I. Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Kenya akaba anafasha mu kugerageza kugarukana amahoro mu buseruko bwa republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Uhuru Kenyatta, yaragendeye Uburundi kuri uyu wa gatanu. Muri urwo rugendo yarabonanye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, ari na we arongoye akarere ka Afrika y’ubuseruko muri kino kiringo. Bimwe mu vyo baganiriye harimwo ko imigwi yose yoshira ibirwanisho hasi bakaja mu biganiro vy’amahoro, na yo imigwi y’abanyamahanga igatahukanwa mu bihugu vyabo.
II. Antoine Ndayiragije yahora arongoye komine Kayogoro y’intara ya Makamba yaraye ahagaritswe muri ayo mabanga, kuva kuri uyu wa gatanu. Mu vyo yagirizwa harimwo kwakira nabi abamwitura no gukora ibitateguwe n’inama mpanuzwajambo ya komine.
III. Abanyagihugu bo muri komine ya Rutovu mu ntara ya Bururi baragiriza musitanteri waho ko abatoteza mu kubanyaga amatongo, abandi akabaca ihadabu abanje kubagiriza ko baragira ibitungwa vyabo mu mirima yabo, ariko ngo ntaheza ngo abahe ibitansi vyerekana ko amafranga yinjiye mu kigega ca komine.
IV. “Umuntu yahungutse, afise uburengazira bwo gusubira guhunga iyo asanze umutekano wiwe ubangamiwe’’. Bishikirizwa n’ishirahamwe CBDH-VICAR ryitaho agateka k’impunzi ziba mu makambi muri kano karere. Ni inyuma yaho abarundi bagera kuri icumi bari barahungutse bava mw’ikambi y’i Nduta iri mu gihugu ca Tanzaniya basubiye guhunga bava i Burundi, bakagaruka muri iyo kambi, igipolisi kikaba giheruka kubafata ku munsi wa kane. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, asaba leta ya Tanzaniya kwubahiriza amasezerano yiyemeje yo gukingira impunzi.
V. Ikiganiro Kw’īsôko c’uno musi gishimikira ku migenderanire hagati y’intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi na Leta.

Ibindi bisa n'ibi