Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/12/2019

Publié le 5 décembre 2019 par Rédaction

I. Urudandaza rwo mw’ibarabara rwabujijwe mu gisagara ca Rumonge. Abadandaza bahora bakora urwo rudandazwa, bahawe gushika kuri uwu w’imana uza, igenekerezo rya 8 Kigarama, kuba  bavuye muri ico gisagara . Uwuzorenga kuri iyo ngingo ngo azohanwa bikomeye hakurikijwe amategeko.

II. Muri rya sekeza ry’iminsi mirongo 90, ryogusigurira abahuye n’amabi akurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha uko iyo sentare ikora, uno munsi umuvugizi w’iyo sentare, Fadi El Abdallah, yerekana uburengazira bw’abahuye n’amabi, n’uruhara rwabo mu matohoza y’iyo Sentare.

III. Abantu 27 baragandaguwe, 7 baranyuruzwa, 75 bahagarikwa bidakurikije amategeko mu kwezi kwa Munyonyo kurangiye. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-BURUNDI, gisohoka buri kwezi.

IV. Ngo vyogarana kumenya ikizokurikira inyuma y’amatohoza ariko arakorwa n’umugwi w’ishirahamwe ryo mu karere k’ibiyaga binini CIRGL. Umurwi ugizwe n’abantu 17, bo muri ako karere, bagiye gutohoza kuvyo Leta y’Uburundi yagiriza Urwanda ku gitero cabaye i Marura, mw’ijoro ryo ku wa 16 Munyonyo uno mwaka. Uwo n’umwihwezo wa Méthode Ndikumasabo, yize amategeko akaba yanahoze mu gisirikare c’Uburundi, abona ko leta y’uburundi yoba ifatiye kuri ico gitero kugira yerekane ko ivyo yagiriza Urwanda kuva 2015 bifise ifatiro.

 V. Imvura yaguye kuri uyu wa gatatu, mw’ikambi y’impunzi ya Nduta, muri Tanzaniya, yatumye hari imiryango itakaza uburaro. Amazu 11 yarabomowe n’iyo mvura, abantu barenga 20 bakaba aribo badafise aho bakika umusaya. Bagasaba kuronswa amahema n’ibifungurwa.

VI. Amashirahamwe cumi n’indwi adaharanira inyungu za politike, aherutse gusohora urwandiko asaba abategetsi ba afrika n’amashirahamwe yo mu karere ko bokora uko bashoboye kugira ngo bagondoze leta ya Tanzaniya, ihagarike umugambi wo gutahukana ku nguvu impunzi z’abarundi. Ni mu gihe kuva kwigenekerezo rya 4 gushika kurya 6 za kuno kwezi, hariko habera mu gihugu ca Uganda, inama yateguwe n’umuryango wubumwe bwa Afrika, ku bijanye n’ikibazo c’impunzi.

VII. Abantu 24 nibo bitavye imana, 7 barakomereka n’abandi batari bake bataratorwa biturutse ku musozi wasenyuwe n’imvura yaguye mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu, muri komine Mugina ni mu ntara ya Cibitoke. Ivyo bitigiri bikaba vyashikirijwe na buramatari w’intara ya Cibitoke. Iyo mvura ikaba yahenuye umusozi wa Rukombe, Nyempundu na Rwamagashwe muri zone Nyamakarabo.

Ibindi bisa n'ibi