I. Abajenama ba komine Nyanza-lac mu ntara ya Makamba, baturuka mu mugambwe CNDD-FDD bariyamiriza itotezwa bariko barakorerwa. Bavuga ko bariko bagirwako isakwa ry’agasakisak n’igipolisi kuva hafashwe ingingo yo guhagarika abarongoye inama mpanuzwajambo ya komine Nyanza-lac. Ni mu gihe ku munsi wa gatanu igenekerezo rya kabiri kigarama uno mwaka, abagize inama mpanuzwajambo ya komine bakoranye hagafatwa ingingo yo guhagarika musitanteri w’iyo komine hamwe n’uwurongoye inama mpanuzwajambo n’icegera ciwe, kubera ivyaha icenda bagirizwa. Abo bajenama ba komine basaba ko umukuru w’igihugu ku bwiwe yorungika umugwi uza kugira amatohoza no gutorera umuti ico kibazo.
II. Abanyagihugu bo muri komine Kabarore baradomwako urutoke n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ko at aco bakoze mu gukingira ubutare bwimbwe muri iyo komine bidaciye mu mategeko. Umukuru w’igihugu akavuga ko abanyagihugu batari bakwiye kwidoga bavuga ko bakenye, mu gihe badashobora gukingira ubutunzi bw’igihugu. Evariste Ndayishimiye akaba yabivuze mu rugendo aherutse kugira mu ntara ya Kayanza.
III. Ariko rero umunyagihugu si we akwiye kubazwa ibijanye n’ubunyonyezi bw’amatungo y’igihugu kuko hariho ibisata bibijejwe kandi ari na co bihemberwa. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo. Faustin Ndikumana akavuga ko ubwo bunyonyezi n’icukurwa ry’ubutare muri komine Kabarore bwabaye mu gihe hariho inzego z’umutekeno, abajejwe intwaro ndetse n’igisata kijejwe gutanga impusha zo gucukura ubutare mu gihugu. Abo ni bo bakwiye kubazwa ingene vyagenze.
IV. Imyidogo ni myinshi mu basirikare b’abarundi bariko baragomborwa bava mu gihugu ca Somaliya mu rwego ATMIS. Imvo ngo n’ukwo basanze ku ma konte yabo ata n’igiceri kiriko. Bavuga ko babuze n’ingene baja kuramutsa imiryango yabo kubera kubura itike.
V. Abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya bategerezwa gutahukanwa ku nguvu vyanka vyakunda. Bishikirizwa n’umuyobozi mukuru ajejwe impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya. Uwo mutegetsi ajejwe igisata c’impunzi yabishikirije kw’igenekerezo rya 28 z’ukwezi guheze kwa 11, igihe yari yagendeye impunzi zo mw’ikambi ya Nduta. Yaremeje ko mu gihe impunzi z’abarundi zoguma mu gihugu ca Tanzaniya ari iki bombe kizohava giturika.
VI. Bamwe mu mpunzi z’abarundi bavuganye na Radiyo Inzamba ngo iyo mvugo y’uwo mushikiranganji bayakiriye nabi, kuko amahoro bavuga ari mu gihugu c’Uburundi atayo babona, bagasaba ishirahamwe HCR kubimurira mu bindi bihugu aho umutekano wabo woba ari wose, kandi agateka k’impunzi kubahirizwa.
VII. Kuri uwu w’Imana inyuma y’umutaga niho wa musore w’umuhindi aba mu gisagara ca Ngozi azwi kw’izina rya Tossif yarengukishwa imbere y’ubutungane. Naho yaburanye yemera icaha, sentare nkuru y’igihugu yamwagirije kuba yarakomerekeje yabiteguye kandi bikomeye, umwana w’imyaka 13. Yaciye ahanishwa ugupfungwa imyaka ine n’ukuriha ihadabu ry’amafranga ibihumbi amajana abiri. Atayarishe, ace ahanishwa umunyororo w’agatsindikiro w’umwaka umwe. Abavyeyi b’umwana na bo ategerezwa kuzobariha indishi y’akababaro ingana n’amafranga imiriyoni cumi. Natayariha na ho, azoce ahanishwa umunyororo w’agatsindikiro w’imyaka mirongo itanu. Ico gihano giheze, nta ruhusha rw’ugusubira kuba mu Burundi azoba agifise mu kiringo c’imyaka itanu. Tubamenyeshe ko uwo muhindi yahanywe ku caha c’uko ku musi wa kane w’indwi iheze, yakomerekeje mu mutwe umwana yari avuye kw’ishure akoresheje icuma kimeze nk’inyundo kubera yari amuramukije ngo » yambu muzungu! »
VIII. Ibarabara ry’igihugu rigira gatatu ryacitse kuva mu gitondo c’uwu wa mbere. Iryo cika ry’ibarabara rikaba ryavuye ku mvura nyinshi yaraye iguye mu ntara ya Rumonge. Rikaba ryacikiye mu gice ca Kizuka, ivyahungabanije uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu. Iyo mvura ikaba yarabomoye n’amazu arenga mirongo itanu, nk’ukwo amakuru ava muri iyo ntara avyemeza.
IX. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaguru, igihugu ca Sénégal caraye gisezeye inkino z’igikombe c’isi ziriko zibera mu gihugu ca Qatar, Sénégal ikaba yatsinzwe n’ubwongereza ibitsindo 3 ku busa. Afrika ikaba isigaye ihanze amaso igihugu Ca Maroc kizokina ejo na Espagne. Mw’ihiganwa ku rwego rw’igihugu, ihiganwa ry’umupira w’amaguru Primus League rigeze ku ndwi igira 15.