I. Ishirahamwe ACAT BURUNDI rirwanya isinzikaza ry’agateka ka zina muntu, riragiriza bamwe mu mbonerakure, mu gipolisi, mu gisirikare no mu ntwaro, kuba bahonyanga agateka ka zina muntu. Mu cegeranyo caryo ku vyabaye ku kwezi kwa 12, umwaka uheze, abantu 12 barishwe, 4 baranyuruzwa, 35 barafunzwe bidaciye mu mategeko, 17 nabo barasinzikarizwa ubuzima mu buryo butandukanye. AUGUSTIN NIMUBONA ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri ACAT-BURUNDI
II. Kuri uno wa mbere, niho umwaka w’amashure w’2020 watangura mu gihugu kibanyi c’uRwanda, bamwe mu bana b’abarundi b’impunzi zahungiye mu bisagara bitandukanye vy’ico gihugu, baracazazaniwe n’ukubura ibikoresho vy’amashure be n’amafaranga y’ishure. Kuri uko kutishobora kwa bamwe muri izo mpunzi z’abarundi, Patrice Ntadohoka aserukira impunzi ziba mu bisagara Vy’igihugu c’urwanda uretse igisagara ca Huye, asigura ko aho bukera bagiye gushiraho Inomero ya konti rusangi kugira abashobora gufasha babikore ata ntambamyi.
III. Indwara y’urukushi irabangamiye abana b’impunzi z’abarundi baba mw’ikambi ya Mulongwe, iri muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abari muri iyo kambi, bakaba batewe impungenge n’uko iyo ndwara ibabangamiye hari ubukene budasanzwe bw’imiti. Abagiye kwa muganga, aho kuronswa imiti babwirwa ko bogenda kwigurira imiti ku ma pharmacie nabo bugarijwe n’ubukene.
IV. Uwurongoye umugambwe CNL muri zone ya Kirundo rural, azwi kw’izina rya Julien Bakanibona, yaraye atemaguwe n’abantu bataramenyekana muri iri joro ryaraye rikeye, muri iyo zone. Umwe mu baba muri iyo zone, avuga ko ababikoze bamutegereye igihe c’isaha imwe y’ijoro, imbere y’urugo rw’uwurongoye umutumba wa Mweya. Akavuga kandi ko ata muntu n’umwe ajejwe intwaro yigeze ahashika. Musitanteri wa commune Kirundo Jeannete Kangoro akavuga ko ivyo vyabaye atavyo aramenya ariko ko azobaza uwurongoye umutumba amenye ivyarivyo.
V. Hatangujwe kuri uyu wa mbere, isekeza ryo kuvura no kubaga indwara zifatira mu mazuru, mu muhogo no mu matwi, hamwe n’ubwonko. Iryo sekeza ryatangujwe n’ibitaro CMCK, bifadikanije n’abaganga bava mu gihugu ca Espagne. Abarwayi barenga ijana nibo bitezwe kwakirwa mu kiringo c’imisi itandatu iryo sekeza rizomara. Muganga Pascal BARAHANDWA ajejwe igisata c’ubuvuzi mu bitaro CMCK, aratubwira indwara bazovura muri iryo sekeza.
VI. Isekeza ryo kuvura no kubaga indwara zifatira mu mazuru, mu muhogo no mu matwi, hamwe n’ubwonko, rikaba riri mu ntumbero yo guterera mu mugambi w’isi w’amagara meza, mu kuvura abafise uburyo buke badashobora kwivuriza hanze kandi kubera mu gihugu hari ubuhinga buke bwo kuvura indwara mwene izo.