I. Ubukene bw’amazi burateye ikibazo mw’ibohero rikuru rya Mpimba, haraciye imisi ine abanyororo baronka amazi ari uko bayaguze hanze. Ibido y’ilitiro 20 ikaba igurwa amafranga arenga ibihumbi bitatu (3.000). Amakuru atangwa n’abaharanira agateka ka zina muntu, avuga ko ivyo bije kwiyongera ku bukene bw’imfungurwa bwari busanzwe mu banyororo. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumusi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi, ishirahamwe rimwe muyakurikiranira hafi ubuzima bw’abanyororo.
II. Igihano c’ugufungwa imyaka cumi ku mumenyeshamakuru Floriane Irangabiye kiza gicafuza igihugu c’Uburundi kuko ata caha na kimwe yakoze. Bishikirizwa n’umushingwamanza Armel Niyongere, arongoye ishirahamwe rukristu rigwanya isinzikarizwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu mu Burundi ACAT-Burundi. Ku bwiwe, ni ugutera ubwoba abandi bamenyeshamakuru bashikiriza amakuru adahimbara leta y’Uburundi. Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yaciriwe igihano c’ugufungwa imyaka cumi, no kuriha ihadabu ingana n’amafranga 1.000.000 y’amarundi, na sentare nkuru y’igihugu ya Mukaza, yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu.
III. Ishirahamwe ONLCT Où est ton frère, risaba leta y’Uburundi guhimiriza abacungera imbibe z’igihugu kurikanura kugira abajabuka baciye mu mpisho co kimwe n’urudandazwa rw’abantu bigabanuke. Ako kamo gatewe n’iryo shirahamwe ryishinze kurwanya amabi akorwa aciye ku mbibe, inyuma yaho leta ya Ouganda ifatiye abarundi 24 bahorwa kwinjira muri ico gihugu batisunze amategeko. Umushingwamanza Prime Mbarubukene, arongoye ishirahamwe ONLCT Où est ton frère.
IV. Imyidogo ni yose mu barimu basubirira abandi aho badakwiye, bita aba vacataires, bo mu ntara ya Muyinga. Abo barimu bavuga ko hariho abamaze imyaka itanu n’itandatu bataronswa agashahara kabo. Amakuru ava muri bamwe muri abo barimu, avuga ko bituye inzego zose z’igihugu harimwo urwego rw’umukuru w’igihugu n’inama nshingamateka, ariko amaso yaheze mu nzira.
V. Abavyeyi barereye muri komine Bugendana y’intara ya Gitega baratunga agatoki umwarimu yibiye mu mwaka uheze ikibazo muramukaziwe, ariko ntahanwe. Abo bavyeyi bidogera umuyobozi w’ishure shingiro Rwingiri hamwe n’uwujejwe indero muri komine Bugendana, ko bakingiye ikibaba uwo mwigisha. Uruganda rwa radiyo Inzamba Agateka kawe rwarondeye umuyobozi w’indero mu ntara ya Gitega kugira agire ico ashikirije, ariko amaze kutwitaba ntaco yashimye kubivugako.
VI. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bo muri komine Kanyosha zone Muyira umutumba Kavumu. Bakavuga ko batangishwa amafranga y’umurengera bita iterambere ry’umutumba. Abo banyagihugu bagasaba ko itangwa ry’ayo mafranga ryohagarara kuko ari umurengera ubuzima buzimvye.
VII. Nta mudandaza n’umwe arekuriwe, guhera kuri uwu wa gatanu, kwunguruza ibiharage abikura mu ntara ya Muyinga bija mu zindi ntara, nk’uko itangazo ryo mu biro vya Buramatari w’intara ya Muyinga ryagiye ahabona kuri uwu wa gatanu ribimenyesha. N’abari bafise impusha zo kugura canke kugurisha ivyo biharage zahagaritswe. Buramatari aranagabisha abakora urudandazwa rw’isukari ko bagiye guhagurukirwa kugira amanyanga yibonekezamwo ahagarare. Nta mezi 2 yarahaciye uwo mutegetsi afashe ingingo bene iyo, ariko vyaba ibiharage canke isukari nticabujije ko biguma bisohoka intara bimwe bigenda mu zindi ntara z’igihugu canke mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.