Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/02/2021

Publié le 6 février 2021 par Rédaction
I. Uwurongoye umugambwe CNDD-FDD muri komine Rumonge arapfunzwe kuva kuri uyu wa kane. Amakuru ava aho mu Rumonge, avuga ko yoba yagirizwa gukubita umuntu wo ku mutumba Gashasha, uri muri zone Kigwena muri iyo komine nyene. Ayo makuru akavuga ko umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Rumonge ariko agirako iterabwoba bamwe mu bamupfunze, ngo kuko ari ukwambika iceyi umugambwe.
II. Akarenganyo kariko gakorerwa Christa Kaneza, n’ibintu bitumvikana, bibabaje kandi bitesha agaciro ubutegetsi bw’Uburundi. Ivyo bishikirizwa na Pacifique Nininahazwe, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, akaba yaranononsoye ibijanye n’amategeko, inyuma y’aho habuze uwufise ijambo, kw’irekurwa ry’uyo muvyeyi. Pacifique Nininahazwe akizera ko ukuri kuzoteba kukamenyekana, abihishije inyuma y’iyo dosiye bagakurikiranwa.
III. Imyidogo ni myinshi mu mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Mulongwe iri muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ivyo vyatumwe n’uko abajejwe intwaro bababujije gucururiza mu gasoko kari indani mw’ikambi. Bagasaba ishirahamwe HCR rijejwe impunzi gutorera umuti ico kibazo. Bamwe muri bo baganiriye na radiyo Inzamba.
IV. Ikigabane « Kw’isôko » kigaruka ku biganiro biherutse gutangura hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa buraya, mu ntumbero yo gusubira kunagura ubucuti.

Ibindi bisa n'ibi