I. Kuri uno w’Imana, niho imyaka 32 yari ikwiye neza abarundi bateye igikumu ku masezerano y’ubumwe bw’abarundi. Uyo munsi mukuru ukaba wahimbajwe kuri uno wa mbere mu gihugu cose. Ibirori nyamukuru bikaba vyabereye ku murwa mukuru wa politike i Gitega. Mw’ijambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije abarundi rijanye n’uyo munsi, yamenyesheje ko indongozi ari zo zatumye ubumwe bw’abarundi buhungabana, kubera amaronko no gushaka kuguma mu bibanza zirimwo. Asaba indongozi kubera akarorero abo zijejwe, mu gushira imbere ubumwe bw’abarundi twarazwe na ba sokuru.
II. Abanyororo bo mw’ibohero rya Bubanza baratabaza ko bakwije imisi itanu ata mfungurwa baronswa. Basaba abategetsi begwa n’ico kibazo kugitorera inyishu mu maguru masha, ibara ritaragwa.
III. Uwurongoye umuhari w’urwaruka rwa CNDD-FDD muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro, arapfungiwe mu gasho ka Mwaro kuva ku musi wa gatatu w’indwi iheze. Yagirizwa gushigikira umwigisha yafashe ku nguvu umwana w’umwigeme, akanagirizwa gutera ubwoba uwo mwigeme, kugira ngo ntashire hejuru ivyamushikiye.
IV. Abakenyezi n’abigeme bo muri komine Bweru, mu ntara ya Ruyigi, birabujijwe ko batembera inyuma y’isaha imwe y’ijoro. Uwuzobirengako akazohanwa hisunzwe amategeko, acibwe n’ihadabu; co kimwe n’umwigeme azotembera iyo saha atari kumwe n’abavyeyi biwe. Iyo n’ingingo yafashwe kuri uyu wa gatanu na Diane Niyibitanga, musitanteri w’iyo komine. Mu muhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, MFFPS, barenegura iyo ngingo. Jeanne d’Arc Zaninyana arongoye uwo muhari arerekana ko ingingo bene izo ziza zisubiza inyuma iterambere rusangi ry’igihugu.
V. Abasirikare b’Uburundi bari mu gihugu ca Somaliya baridoga ko barungitswe guserukira igihugu badafise ibikoresho bikwiye, cane cane ibijanye n’imyambaro ya gisirikare. Basaba umukuru w’igihugu gutegeka abarongoye igisirikare kubaronsa ivyambarwa, kuko ivyo bafise bitabereye ingabo ziri mu butumwa bw’amahoro mu makungu.
VI. Imyidogo ni myinshi mu bavyeyi n’abarezi barereye mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Iyo myidogo ikaba ifatiye kw’ihagarikwa ry’ibikorwa mu mashuri y’intango akorera muri iyo kambi, biturutse ku kutumvikana kuri hagati y’amashirahamwe abiri ajejwe indero muri iyo kambi. Ikiringo cababa hafi ukwezi kirarangiye badahonyoye mw’ishure. Muri kino gihe, abana bakaba batanguye ingeso mbi zo kuyerera.
VII. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR na leta ya Tanzaniya barakwiye kuganira bagatorera inyishu ikibazo kiri hagati y’abigisha n’ishirahamwe Save the Children, kugira abana basubire kuronka uburenganzira bwabo bwo kwiga. N’akamo gaterwa na CBDDH, urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu bariko baravugira abo bana bamaze ukwezi batiga. Eulalie Nibizi, umuyobozi nshingwabikorwa wa CBDDH, akababazwa n’ukubona indyane ziri hagati y’ishirahamwe Save the Children n’abigisha, zituma abana batakaza uburenganzira bwabo.