Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/03/2023

Publié le 6 mars 2023 par Rédaction
I. Hari ikiziga caraye gitowe kuri uyu w’Imana uheze mu ruzi Ntahangwa, hafi y’ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi. Umuhisi akaba yaramenyekanye imyidondoro, avuka muri komine Gasorwe y’intara ya Muyinga. Bikavugwa ko yoba yishwe anizwe.
II. Umukenyezi wo ku mutumba Murama, zone Rugari muri komine n’intara ya Muyinga yarahohotewe cane, ku musi wa gatanu w’indwi iheze n’uwurongoye umutumba Murama, afadikanije n’urwaruka rw’imbonerakure. Amakuru radiyo Inzamba ikura kuri uwo mutumba, amenyesha ko Divine Ahishakiye yakubiswe ari kumwe n’umugabo wiwe bagirizwa n’uwo arongoye umutumba Murama ko bagiye kuvuza umwana wabo ku muntu akoresha imiti kama, maze uwo mwana akanduruka yitaba Imana. Divine Ahishakiye n’umunega wiwe bakaba bahavuye bafatwa bajanwa mw’ibohero rikuru rya Muyinga, ari naho umukenyezi Divine Ahishakiye yahatswe gusiga ubuzima, inyuma y’uko imbanyi yarafise ikorotse, kubera amahiri yari yakubiswe, imbere y’uko ashikanwa aho mw’ibohero, ivyemezwa n’umuryango wiwe.
III. Hari umutama w’imyaka 70 n’umutamakazi wiwe w’imyaka 66 bo ku musozi Sakinyinya na komine Muhanga, mu ntara ya Kayanza, baraye batemagujwe umupanga barakomereka cane, mw’ijoro ryakeye buca ari kuri uwu wa mbere. Bikavugwa ko batemwe n’umuhunga wabo Claude Nshimirimana w’imyaka 32. Inkuru ziva aho muri komine ya Muhanga zivuga ko uwo mugabo yakoze iryo bara nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, afadikanije na mugenziwe azwi kw’izina rya Norbert Ntunzwenimana. Bamaze gutemagura abo bantu baciye ngo bahunga ariko uwo Norbert Ntunzwenimana yahavuye afatirwa mu bucagucagu bwo kuri uwu wa mbere ku musozi Gitwenzi, zone Mivo na komine Ngozi. Uwo na we muri kino gihe akaba apfungiwe mu gasho k’inyamiramabi ko muri komine Muhanga aho ariko agirwako amatohoza, ariko mugenziwe Claude Nshimirimana gushika ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere akaba atari bwafatwe. Muri kino gihe abo basaza bariko baravurirwa mu bitaro vyo muri komine Gahombo n’intara ya Kayanza nyene. Ababanyi bakavuga ko ubwo bukozi bw’ikibi bwoba bufitaniye isano n’amatati y’amatongo.
IV. Ubuserukizi bwa leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi burasabwa bushimitse gufasha kugira umurundi Clément Nkurunziza yafatiwe muri Amerika akaja gupfungirwa mu Burundi muri 2018 arekurwe. Ivyo biri mw’ikete ishirahamwe Bene Burundi ryandikiye kuri uyu musi wa mbere umupfasoni Melanie Harris Higgins, arongoye ubuserukizi bwa leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi. Athanase Karayenga arongoye Fondation Bene Burundi asigura ko iryo kete barimwandikiye kugira berekane ko Clément Nkurunziza apfunzwe ku karenganyo kandi ko leta zunze ubumwe za Amerika zakoze ikosa mu guhagarika no mu gutanga umuntu ataco azira.
V. Umugambwe uri ku butegetsi naho wokora ivyiza bingana gute nta n’umwe yobishima mu gihe urangwa n’ikumira. Bishikirizwa na Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL. Yabivuze kuri uyu wa mbere mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, mu gihe kw’igenekerezo rya 12 kuno kwezi kwa gatatu uwo mugambwe uzohimbaza imyaka ine wemerewe gukorera ku mugaragaro. Avuga ko umugambwe uri ku butegetsi ufata bamwe nk’abatsi b’indaro.
VI. Agathon Rwasa asaba abatware kwikebuka, abarundi bakicarana ata kuraba ibi canke biriya, bakiyumvirira hamwe kazoza k’igihugu.
VII. Abasirikare b’Uburundi ijana baruriye indege baja mu gisagara ca Goma mu Ntara ya Kivu yo mu buraruko mu gihugu ca Congo iharanira intwaro rusangi. Abo basirikare bagiye mu rwego rw’inteko z’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, zigiye gufasha kugarukana amahoro muri ako gace. Abo basirikare bakaba bagiye basanga bagenzi babo bagera kuri 50 bagiye baherekeje ibikoresho izo nteko zizokenera, mu butumwa bagiyemwo. Igisirikare c’Uburundi kibicishije ku rubuga rwa Twitter kiremeza aya makuru kikavuga ko ari nabo ba mbere bagiye mu Ntara ya Kivu yo mu buraruko.
VIII. Mu makuru y’inkino yaranze iyi ndwi, ihiganwa mu mupira w’amaguru ryarabandanije ku ndwi igira 22. Muri Basketball, umurwi wa Remesha mu bagabo na Young Sisters mu bigeme, ni yo yaraye itahukanye ibikombe vy’inkino Nani Mkali zugurura ihiganwa ry’uyu mwaka. Muri Volleyball naho, imirwi ya Amical mu bagabo na Muzinga mu bigeme ni yo yatahukanye ibikombe vy’inkino zitangurira ihiganwa.

Ibindi bisa n'ibi