Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/05/2021

Publié le 6 mai 2021 par Rédaction
I. Abigisha n’abayobozi bashurashuza abigeme mu mashure, n’ingeso yibonekeza cane mu mashure atandukanye y’intara ya Makamba. Ikibabaza abavyeyi, n’uko abakora ivyo vyaha aho guhanwa, bakurwa mu mabanga yabo gusa. Abavyeyi basaba ibihano bikwiranye n’icaha.
II. Umwana w’umwigeme afise imyaka 5 yarakubaguwe bikomeye mu gukubitwa bunyamaswa n’umuvyeyi wiwe Issa Kwigize ku musi wa 3, ku mutumba wa Nyagatovu muri komine ya Gashoho y’intara ya Muyinga, nkuko amakuru ava aho i Nyagatovu avyemeza. Uwo mwana ngo akaba yaborejwe igufa  azira ko yoba yitumye mu muceri wanikiye urindiriye gusekurwa, nk’uko ayo makuru  abandanya avyemeza. Issa Kwigize akaba yahavuye ahagarikwa n’igipolisi, ashigwa mu minwe y’inyamiramabi  muri komisariya ya komine Gashoho kugira azoshikirizwe ubutungane.
III. Umugore yari azwi kw’izina rya Mariya Goreti Nkurikiye w’imyaka 37 wo ku musozi Gahahe, komine n’intara ya Kayanza, yaritavye Imana ku mutaga wo kuri uyu wa gatatu yiyahuye. Ababanyi bavuga ko yoba yiyahuye nk’igihe c’isaha zine z’agatondo akoresheje ikiziriko. Bavuga kandi ko yaramaze imisi agwaye. Uwo yiyahuye akaba yaciye afubwa uwo musi nyene. Mu gipolisi mu Kayanza bamenyesha ko amatohoza ariko arakorwa kugira ngo hamenyekane icatumye yiyahura.
IV. Abantu 43 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, abandi 3 baranyuruzwa mu kwezi guheze kwa Ndamukiza. Ivyo biri mu cegeranyo cashizwe ahabona kuri uyu wa gatatu, n’ishirahamwe rukristu rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi. Iryo shirahamwe, risigura ko abakekwa gukora ayo mabi ari aha nini urwaruka rw’imbonerakure, bamwe mu bapolisi n’inzego za leta. Muri ACAT-Burundi bagasaba leta y’Uburundi guhagurukira no guhana abakora ayo mabi. Augustin Nimubona, ari mu gisata co kumenyesha amakuru muri ACAT-Burundi.
V. Ikiraro co ku ruzi Kirasa kiri kw’ibarabara ry’igihugu inomero 3 cacitse kuri uyu wa kane. Amakuru ava mu ntara ya Rumonge akaba avuga ko, ico kiraro cacitse nk’igihe c’isaha icenda z’umuhingamo. Abafata ingendo baja mu ntara ya Rumonge bava mu gisagara ca Bujumbura canke bava i Bujumbura baja mu Rumonge, bakaba baciye basubira inyuma nk’uko bivugwa na bamwe muri bo. Ico kiraro co ku ruzi Kirasa ni naco kigabura intara za Rumonge ku ruhande rwa Komine Muhuta,  na Bujumbura, iyo bita Bujumbura Rural ku ruhande rwa komine Kabezi.
VI. Abavyeyi batanze amafaranga yo kubaka uruzitiro rw’ishure shingiro bassin ya mbere riri muri zone Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura, basaba gusubizwa amafaranga yose uko bayatanze. Ivyo babivuga kuko kuva aho abakurikirana umuyobozi w’iryo shure bategekeye ko ayo mafaranga yatojwe hadakurikijwe amategeko yosubizwa abayatanze, muri kino gihe, bavuga ko bariko basubizwa ayadakwiye. Basaba abatanze iryo tegeko gukurikirana uko ririko rishirwa mu ngiro.
VII. N’ubu haracibonekeza ubukene bw’isukari mu mihingo itandukanye y’igihugu. Naho ishirahamwe SOSUMO riyihingura riguma ryemeza ko ryakoze iyikwiye, aho yategerezwa kudandarizwa ntiboneka. Ivyo bigatuma hari abadandaza bikika mu kiza.
VIII. Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu ntiyakiriwe nk’uko yaravyiteze.  Albert Shingiro yigishijwe  yongera yerekwa uko agateka ka zina muntu mu Burundi katubahirijwe. Uwo n’umwihwezo w’umuhari MAP Burundi Buhire. Uwo muhari ukabona ko raporo y’urugendo yatanzwe n’uyo mushikiranganji yagerageje kuyiha agaciro kanini kugira yerekane ko yagize urugendo ngirakamaro naho shwi! Umuhari MAP Burundi Buhire usaba ahubwo ko abaserukira Uburundi mu bihugu vya bulaya bokomborwa.

Ibindi bisa n'ibi