I. Abadandaza bo muri karitiye ya Kiremba, zone Muzenga, ni muri komine n’intara ya Bururi, baridogera abajejwe intwaro muri iyo komine ko batangishwa amatagisi agwijwe incuro kabiri ku yo bahora batanga. Iyo myidogo bayishira aha nini ku bajejwe gutoza amakori ya komine. Babagiriza kurenza urugero, mu gihe abajejwe intwaro batigeze bamenyesha icese ku bijanye n’iyo ngingo yo kuduza amatagisi ya komine Bururi.
II. N’abanyagihugu bo muri komine Ntega iri mu ntara ya Kirundo bafise imyidogo myinshi. Imvo n’ukwo kuva ku munsi wa gatatu gushika kuwa kane musitanteri wo muri iyo komine yafungishije abanyagihugu batari bake, abagiriza ko bamye mu kabare kandi bibujijwe. Abo nabo bakaba bapfungiwe mu gasho ka komine. Ni mu gihe muri iyo komine ubunywero n’uburiro bucugawe kubera ikiza ca Covid-19 cari cateye muri iyo komine.
III. Abagabo indwi basanzwe ari abanywanyi b’umugambwe CNL muri komine ya Kiremba mu ntara ya Ngozi, basabiwe kuri uwu wa gatanu n’umushikirizamanza wa Republika mu ntahe y’icese ya sentare nkuru ya Ngozi, igihano c’ugupfungwa imyaka 20. Abo nabo bahowe kuba baratanye mu mitwe n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD mu mpera z’ukwezi kwa kane, habamwo abakomereka. Urubanza runegurwa n’abarongoye umugambwe CNL mu ntara.
IV. Sentare ntahinyuzwa yategerezwa kubera akarorero ayandi ma sentare mu gukora neza ama dossier iba yashikirijwe. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, aho avuga ko dossier y’abagirizwa igitero cabaye kw’ikambi ya gisirikare y’i Muyinga yaranzwe n’amahinyu menshi kuva abagirizwa bagifatwa kugeza n’ubu. Asaba sentare ntahinyuzwa kuvuga aho ihagaze kuri dossier yashikirijwe kugira abo banyororo basubire kuburana mw’ido n’ido, kuko ivyaha bemeye, bavyemejwe babanje kuborezwa igufa.
V. Igabanywa ry’ibifungurwa ku mpunzi z’abarundi ziri mu karere nta kindi rigamije atari ugushaka kubirukana. Bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani rw’amashirahamwe y’abarundi aharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi CBDH-VICAR. Abishikirije mu gihe ibifungurwa vyahora bihabwa impunzi ziri mw’ikambi ya Kakuma mu gihugu ca Kenya harimwo n’abarundi, zagabanuwe hafi incuro zitatu. Sharangabo avuga ko ivyo bishobora gutuma haduka ingeso mbi mu mpunzi, nk’ubusuma, ubuhumbu n’ibindi.