Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/06/2020

Publié le 6 juin 2020 par Rédaction

I. Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu bo mu ntara ya Rumonge, na cane cane abivuriza ku bitaro bikuru vyo muri iyo ntara. Ni mu gihe abantu babiri batowe umugera wa koronavirus kuri uyu wa kane. Bakibazako n’abandi boba baranduye ntibimenyekane, kubera abo mu miryango y’abo bantu n’ababanyi, bagiye bararamukanya.

II. Reta y’Uburundi yari ikwiye kwifadikanya n’ibindi bihugu mu kurwanya ikiza ca coronavirus, kuko isa n’iyarengewe. Ivyo bishikirizwa na Ferederiko BAMVUGINYUMVIRA, icegera c’uwurongoye urunani rw’imigambwe n’abanyepolitike baharanira amasezerano ya Arusha. Ku bwiwe ngo reta ikwiye gufata ingingo ruhasha zo kubuza uruja n’uruza mu bantu, na cane cane mu kwubahiriza amabwirizwa yashizweho n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS.

III. Umwimbu w’ivyamwa vya mandarine wabonetse uyu mwaka mu ntara ya Rumonge, usa naho wabaye impfagusa ku barimyi. Nkuko amakuru dukura muri iyo ntara avyemeza, agahombo ni kenshi kuri bo, kubera babuze aho boshora izo mandarine biturutse ku mbibe zugaye kubera ikiza ca Covid 19.

IV. Mu kigabane Kw’Isoko c’uyu musi, abarundi bari mu gihugu n’umuhinga mu gutatura amatati bidaciye mu gikenye, barashikiriza aho bahagaze inyuma y’itangazwa ry’amajwi ntabanduka y’ivyavuye mu matora aheruka.

Ibindi bisa n'ibi