I. Leta y’Uburundi ntiyigera yiyamiriza canke irwanye ubugizi bwa nabi buhitana abantu mu Burundi. Mu gihe mu kwezi kwa gatandatu n’ukwa gatanu guheze, inganda zatikiye mu mitego yabereye mu Rutegama mu ntara ya Muramvya, ubwicanyi bwabereye mu ntara za Mwaro, Gitega na Bururi, Leta y’Uburundi ntiyigeze yerekana ishaka ryo kwiyamiriza no kugwanya ubwo bugizi bwa nabi. Ukwo kuba sindabibazwa kugatuma haba abibaza ko Leta y’Uburundi itoba ibifisemwo uruhara. N’umwihwezo w’uruganda rwa radio Inzamba.
II. Hari umugabo w’umworozi yahagaritswe n’igendereza ryo mu ntara ya Cibitoke kuva kuri uwu wa mbere. Amakuru ava muri komine Buganda asanzwe abamwo, avuga ko uwo mworozi yariko asaba musitanteri wa komine Buganda ko yomusubiza inka ziwe yari yibwe, zikaba zabonetse mw’iraro rya musitanteri wa komine Buganda. Ababanyi biwe co kimwe n’umuryango, bakaba basaba ko uwo mworozi yorekurwa akanasubizwa utwiwe.
III. Ntaho vyakabonetse kubona umuntu azira icaha cakozwe n’uwundi. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana asanzwe aharanira agateka ka zina muntu, aho yiyamiriza agatotezo kariko karakorerwa umupfakazi wo mu ntara ya Gitega, komine Nyarusange azira ko abana biwe bari mu mugambwe CNL. Uwo mushingwamanza akabona ko ivyabaye kuri uwo mupfakazi biteye kubiri n’amategeko, Jeanne d’Arc Zaninyana agasaba ko ubutungane bwokora amatohoza ashimitse, kandi ko iterabwoba ririko rirakorerwa uwo mupfasoni ryohagarara.
IV. Ukugwaniriza hamwe imigwi y’abicanyi mu karere k’ibihugu vy’ibiyaga binini bisaba ko ibihugu vyose biri muri ako karere bifashanya. Ni muri iyo ntumbero hatanguye kuri uyu wa kane inama igira 4 i Bujumbura, ikaba ihuza abarongoye ibisata vy’iperereza n’umutekano mu bihugu vy’Uburundi, Urwanda, RDC, Tanzaniya na Ouganda. Iruhande y’izo nzego, iyo nama ikaba kandi yitabwe na bamwe mu barongoye amashirahamwe yo mu karere, ya Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Icivugo c’iyo nama kikaba ari ugukomeza ukwizerana kugira habe ugufashanya muri ako karere mu ntumbero yo kurwanya imigwi y’abicanyi, nk’uko vyashikirijwe na Général Ildephonse Habarurema arongoye iperereza ry’Uburundi igihe yariko arugurura ibikorwa vy’iyo nama.
V. Uno musi niho hatanguye ikibazo ca leta gitanga uburenganzira bwo kwiga kaminuza. Mu bibanza bimwe bimwe vyo mu gisagara ca Bujumbura catanguye gitevye, kubera ubwinshi bw’abahakorera.
VI. Amatoni arenga ibihumbi indwi (7000) y’ifumbire ni yo akenewe mw’irimwa ry’agatasi ryimirije nayo hectari zirenga 15.000 nizo zizokorerwamwo uburimyi bwa kijambere. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri. Ku bwiwe, gufasha kugira imbuto zirobanuye zishikire abarimyi biri mu vyihutirwa.
VII. Kuri uno wa kabiri igihe c’isaha zitatu z’ijoro, Espagne irakina n’Ubutariyano mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino za buraya. Ubutariyano bumaze gutsinda inkino zose bumaze gukina, bufise ico busumbije Espagne itsinda bigoranye. Muri Copa America naho, haza guca uwambaye hagati ya Argentine na Colombie.