I. Umugabo yitwa Jérémie Rukerandanga yaba ku musozi na zone Mugano, komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga, yaritavye Imana mu gatondo ko ku wa gatatu, ahitanywe n’isanganya ryo kubura impwemu, nk’ukwo amakuru ava mu babanyi biwe aho i Mugano avyemeza. Rukerandanga akaba yitavye Imana aguye mu kinogo c’akazu ka surwumwe c’imetero 20. Ikiziga ciwe kikaba cahavuye gikurwa muri ico kinogo n’igipolisi kijejwe gukinga no gutabara mu bihe vy’ibiza n’isibe, kugira ngo ashinguranwe iteka.
II. Agateka ka zina muntu mu Burundi karahungabana naho hari bike vyahindutse ku ntwaro ya Varisito Ndayishimiye. Hari amabi agikorwa n’abajejwe umutekano hamwe n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi. Vyashikirijwe kuri uyu wa kane i Genève n’intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe kuraba ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi. Abaserukiye Uburundi bo bavuga ko umugwi wa ONU uhendwa ku bibera mu Burundi kandi ko n’urwaruka rw’imbonerakure ruhanwa ku mabi rwagirizwa.
III. Leta y’Uburundi ibicishije ku mushikiranganji wayo ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, irashigikiye inyifato y’intumwa za leta zari zarungitswe i Genève kubera zanse kwicarana n’abo zita ko bashatse gutembagaza ubutegetsi, mu mwaka wa 2015. Umushikiranganji Albert Shingiro mu kiganiro kuri uyu wa kane yatanze inyuma y’umubonano yagiranye n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, akavuga ko leta itarota yicarana na bo mu gihe batokwishikana mu Burundi ngo bahanirwe ivyo bagirizwa.
IV. Leta y’Uburundi ishobora kwiteranya n’abayifasha kubera yanse kuja mu mwihwezo w’ukungene agateka ka zina muntu kifashe mu gihugu. Ivyo bivugwa na Clémentine de Montjoye, umushakashatsi mw’ishirahamwe Human Rights Watch ku mugabane wa Afrika. Abona ko inyifato y’umugwi wari warungitswe i Genève yerekana ko leta ishaka kunyegeza uko agateka ka zina muntu kifashe. Agasaba leta kureka amashirahamwe adaharanira inyungu za politike agakora ukuri kwamye.
V. Imyidogo ni myinshi ku banywanyi b’umugambwe CNL bo muri komine Kayogoro iri mu ntara ya Makamba. Ni mu gihe biyamiriza ihagarikwa ry’agasakisaki ririko rikorerwa zimwe mu ndongozi zawo muri iyo komine. Amakuru dukura muri iyo komine, amenyesha ko batanu mu ndongozi za CNL bamaze guhagarikwa mu kiringo kidakwira ukwezi. Iryo hagarikwa ry’agasakisaki ry’abanywanyi ba CNL ngo ryatanguye hagati muri uku kwezi guheze kwa Ruheshi. Imiryango y’abo bahagaritswe igasaba ko borekurwa kuko bariko bazira ivyiyumviro vyabo vya politike.
VI. Imyidogo ni myinshi ku bagendesha moto n’imodoka bo mu gisagara n’intara ya Kayanza, kubera ikena ry’igitoro, bakavuga ko n’igihe kibonetse gitangwa nabi. Batunga urutoke abapolisi bategerezwa guhagarikira itangwa ryaco. Abo batwara izo ngendeshwa bagasaba ko igitoro kibonetse cotangwa neza bataravye nkunzi.
VII. Ibura ry’amafranga y’agaciro, ugutanga amasoko bidaciye mu muco bakayaha umuntu umwe hamwe n’intwaro itabereye, ni bimwe mu bituma igitoro kitaboneka mu Burundi. Bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME, ryiyemeje kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Akaba yabishikirije kuri uno wa kane i Bujumbura mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku bijanye n’ibura ry’igitoro, rimaze umwaka wose ryibonekeza mu gihugu c’Uburundi. Ku bwiwe, ngo iyo abategetsi bagiye mu rudandazwa, bitera ingorane, abahahombera na bo bakaba abanyagihugu.
VIII. Imyidogo ni yose mu basirikare ba bataillon ya 65 na 66 bahora kugarukana amahoro muri Somaliya, mu rwego rwa ATMIS. Bavuga ko kuva batashe batigeze baronka akaruhuko. Inyuma yo kurungikwa muri republika ya Congo iharanira demokrasi bagishika, ubu barungitswe mu myimenyerezo ya gisirikare izomara amezi abiri mw’ikambi yo ku Mudubugu. Bavuga ko igiteye ubwoba ari uko imbere yo kurungikwa muri iyo myimenyerezo, batabanje gupimwa kugira hamenyekane ingene amagara yabo yifashe.