Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/08/2021

Publié le 6 août 2021 par Rédaction
I. Hari umuntu yaraye apfiriye mu biro vy’igendereza mu ntara ya Cibitoke, inyuma yo gusinzikarizwa ubuzima, hari haheze iminsi itatu. Amakuru atangwa na bamwe mu bakozi b’ivyo biro avuga ko uwo muntu umwidondoro wiwe utashoboye kumenyekana, yaciye asohorwa mu gicugu c’uno wa gatanu. Ayo makuru nyene akemeza ko yahorwa gukorana n’abarwanyi.
II. Abantu 31 harimwo abakenyezi 9  n’abana 4 barishwe muri uko kwezi guheze kw’indwi. Batanu baraborejwe igufa 20 nabo bahagarikwa bidakurikije amategeko. Biri mucegeranyo ca ligue Iteka gisohoka buri ndwi. Abagirizwa ayo mabi, bakaba ari urwaruka rw’imbonerakure rwa CNDD-FDD, abapolisi, abari mu rwego rw’iperereza, abasirikare hamwe n’abajejwe intwaro. Ligue Iteka igasaba abanyagihugu gusenyera ku mugozi umwe, bakima amatwi ababigisha amacakubiri n’ubundi bubegito.
III. Abantu babiri ni bo bamaze kurekurwa n’abajejwe intwaro muri komine ya Mugamba, ku mutumba wa Mugendo-Ndengo, ni mu ntara ya Bururi. Ni mu gihe bari biketswe kuba baragize uruhara mw’igandagurwa ry’umukenyezi n’umwana wiwe kuri uwo musozi.
IV. Abantu 217 ni bo ibipimo vyo kw’igenekerezo rya 3 za kuno kwezi vyerekanye ko banduye umugera wa Covid-19. Ivyo biharuro bitangwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu vyerekana ko kuva ico kiza caduka mu Burundi, abantu 7931 aribo banduye, 10 na bo bitaba Imana.
V. Abanyagihugu bo mu ntara ya Muyinga basa n’abadebukiwe n’ugukurikiza amabwirizwa yo kwikingira ikiza ca corona, ibiteye amakenga abajejwe  igisata c’amagara y’abantu be n’intwaro aho i Muyinga nkuko amakuru ava aho mu ntara  avyemeza, abategetsi bagahimiriza abanyagihugu guhindura ingendo mu gushira mu ngiro ayo mabwirizwa atandukanye yo kugwanya  ico kiza.
VI. Leta y’Uburundi iriko irahonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu mukutubahiriza amategeko mpuzamakungu araba ibijanye n’amagara y’abantu. Muri iki gihe isi yose ihanganye n’ikiza ca corona, biragaragara ko ingingo leta y’Uburundi imaze gufata mu kugwanya ico kiza zidashemeye na gato. Ivyo biri mu mwihwezo wasohowe kuri uyu wa gatanu n’urunani CAVIB, urunani rw’abashingwamanza baburanira imiryango y’abakorewe ivyaha mu Burundi bihanwa na sentare mpuzamukungu. Umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse, icegera c’uwurongoye urwo runani, asigura ko hariho amabwirizwa leta iriko irirengangiza nko gushiraho amategeko yose ajanye no kwikingira ikiza, hamwe no gucandaga abantu kugira babarinde ugusinzikazwa n’umugera wa corona. Uyo mushingwamanza avuga ko ivyo vyose bidakozwe, leta ishobora kuzobibazwa imbere y’ubutungane.
VII. Icegera c’uwurongoye urunani rw’abashingwamanza CAVIB ahanura abarongoye leta y’Uburundi gufata mu minwe umugera wa corona, nk’uko bisabwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS.
VIII. Ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba leta, Mutuelle de la fonction publique, ngo rirafise ingorane yo kuvuza abanywanyi babo kuko bamwe mu bakoresha bateba kuriha ibirarane baheraniye iryo shirahamwe. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Annonciate Sendazirasa, umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe, aho ahamagarira indongozi zitandukanye mu buzi bwa leta, kurihira abakozi babo ibirarane vy’intererano, kugira mutuelle iheze itunganirize neza abanywanyi bayo.
IX. Haribonekeza ubukene bw’isima ya BUCECO mu gisagara ca Rumonge, komine n’intara ya Rumonge. Abariko barubaka amazu ntibagira ayo bacira n’ayo bamira, abanyagihugu bakaba batanguye kwitunganiriza, ku nguvu, igikorwa co kuyitanga ku bayikeneye ku mugaragaro. Bagasaba ko leta yoshiramwo intege kugira ngo abadandaza bareke kwikika mu kiza mu kunyegeza n’iyo baba baronse.

Ibindi bisa n'ibi