I. Umuntu umwe yaraye yitavye Imana arashwe n’umusirikare, abandi babiri nabo barakomereka hari mw’ijoro ryo kuw’Imana ku mutumba Mugano, zone Mugano, wa Komine Giteranyi. Bikavugwa ko ivyo vyabaye bariko barashwana bari mu bunywero. Amakuru ava ngaho i Muyinga avuga ko uyo musirikare akorera mw’ikambi y’amajana atatu na cumi na kabiri 312, iri aho mu Giteranyi.
II. Ihohoterwa ry’ubuzima bwa bamwe mu miryango y’abatwa riradomwako urutoke na bamwe mu mboneza z’abatwa, banegura ko leta ataco iriko irakora kugira ikingire inkehwa. Umwe muri izo mboneza asigura ko hari abamaze kwicwa hakaba n’abapfungwa amategeko atubahirijwe.
III. Umukuru w’igihugu yarakwiye gufata ingingo zikwiye zohumuriza impunzi kugira zitahuke. Akamo gaterwa n’umugambwe MSD, mw’itangazo washize ahabona kuri uno wa mbere. Ivyo babivuze mu gihe Evariste Ndayishimiye aheruka gusaba ko impunzi zitahuka. François Nyamoya umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, yibutsa ko impunzi zitahunze umuyaga, ariko zahunze amabi bakorerwa n’abakorera ubutegetsi bwa CNDD-FDD.
IV. Hari umuryango w’umutama muri komine Nyanza-lac utabaza kugira usubizwe amafaranga arenga ibihumbi amajana atatu watanze kugira uwo mutama avuzwe mu bitaro vya Kibuye biri mu ntara ya Gitega ; ariko umwaka ukaba uheze atarigera avugwa. Mu bitaro vya Kibuye bakaba basavye umuryango gutanga icemeza ko barishe ayo mafaranga ; kimaze gutangwa, ibitaro biragihakana.
V. Abasirikare bo muri brigade y’igisata c’indege bita « brigade aviation » mu rurimi rw’igifaransa bidoga bavugako mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu makungu harungikwa cane abahoze mu mihari yarwanya leta, bita aba ex-PMPA, kuruta abahoze mu gisirikare ca kera ex-FAB. Abo basirikare basaba ko ivyo kurungika abasirikare baja muri ivyo bikorwa vyo kugarukana amahoro mu makungu, vyoba mu muco kandi bigakorwa atabarenganijwe.
VI. Kunagura imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda igasubira ikaba myiza n’igikorwa gikenewe cane ku nyungu z’ivyo bihugu vyose, uko ari bibiri. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame. Hari ejo mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu. Yamenyesheje ko ico gikorwa co gusubizahamwe muri bino bihe kiriko kigenda neza, ariko ko ari ukubandanya gushiramwo inguvu zose kugira ngo iyo migenderanire ishobore gushitsa ivyo bihugu vyose kw’iterambere rusangi.
VII. Intwazangabo zicungera inzego mu gihugu ca Guinée Conakry zirongowe na Colonel Mamady Doumbouya zaratembagaje ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Alpha Condé kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 05 Nyakanga 2021. Abo basirikare baciye bamenyesha ko bafuse inzego zose hamwe n’ibwirizwa nshingiro ryazishizeho, inyuma y’ikiringo ca gatatu abatavuga rumwe na Alpha Condé bari biyamirije. Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu c’uburundi, abona ko mugihe abo basirikare boca bihuta gutunganya amatora yo gusubiza ubutegetsi aba civil vyoba ari vyiza cane. Ariko rero avuga ko bitagenze uko, hazoba habaye ugusubiza inyuma intambwe y’intwaro rusangi muri ico gihugu.
VIII. Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi wa volleyball uri mu gihugu c’Urwanda, aho witabiriye inkino za Afrika zizotangura kuri uno wa kabiri, muri Kigali Arena. Umugwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru nawo uriko urakina inkino za kivandimwe n’ibihugu vya Comores na Seychelles. Mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu kurindira ko inkino zisubira, imigwi iriko irakina inkino za kivandimwe.