I. Albert Maniratunga yaraye agenwe mu mabanga mashasha y’umuyobozi mukuru ajejwe gutwara abantu n’ibintu. Igenwa ryiwe riranegurwa n’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Gabriel Rufyiri ayirongoye asigura ko bitumvikana ingene umuntu yaheruka gukurwa ubutarariye n’umukuru w’igihugu amwagiriza ko ataco ashoboye mu mabanga ajejwe, yosubira kwizerwa mu mabanga mashasha.
II. Umukenyezi akorera ku bitaro bikuru vy’i Gitega amaze indwi apfungiwe mu gasho k’iperereza. Amakuru ava aho i Gitega amenyesha ko uwo mukenyezi yaborejwe igufa, kugira ngo yemere ko atanga amakuru muri radiyo Inzamba agateka kawe. Abegereye umuryango wiwe bavuga ko bafise amakenga ku mutekano w’uwabo, na rirya muri kino gihe ata n’umwe arekuriwe kuja kumuraba.
III. Ifungwa rya Marie Chantal Nijimbere, yagirizwa gutanga amakuru kuri Radiyo Inzamba ngo ni ikimenyetso cerekana ko ubwigenge bwo gushikiriza iciyumviro bikiri kure nk’ukwezi. Ivyo kandi biteye kubiri n’imvugo ya bamwe mu bategetsi bavuga ko ubu ibintu bimeze neza mu Burundi. Ivyo bishikirizwa na Innocent Muhozi, arongoye ikigo kijejwe guhanura ibimenyeshamakuru OPB. Ku bwiwe, abariko barakora ayo mabi bazotegerezwa kubibazwa bitebe bitebuke.
IV. Kuwa 27 Nyakanga uyu mwaka, Sentare isubiramwo imanza ya Muha yarafashe ingingo yo kurekura ivy’imfatakibanza Christa Kaneza apfunzwe yagirizwa kugira uruhara mw’igandagurwa ry’umugabo wiwe Thierry Kubwimana. Ariko ku ncuro ya kabiri, ntararonswa uburenganzira bwo gusohoka ibohero rya Mpimba. Mu muryango wiwe ntibatahura impamvu agipfunzwe. Bagatunga urutoke umushikirizamanza akukira sentare isubiramwo imanza ya Muha, ko ariwe ariko ariteza utunyoni. Joselyne Niyongabo, mushiki w’umuhisi Thierry Kubwimana.
V. Mu banonosoye ibijanye n’amategeko na bo, baranegura ihonyangwa ry’amategeko muri iyo dosiye ya Christa Kaneza. Umushingwamanza Vital Nshimirimana ati Christa yabwirizwa kurekurwa kuko amategeko ategekanya ko uwutashimye urubanza arwunguruza ku ncuro itarenga imwe umuntu agipfunzwe.
VI. Sentare ya Muha yari yarafashe ingingo yo kurekura ivy’imfatakibanza Christa Kaneza hari mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka. Ariko hahava hazamwo ukunyinyurana inyuma y’iyo ngingo ya Sentare. Umuryango wa Christa wahavuye wegera umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba. Amakuru radiyo Inzamba yaronse ico gihe, avugako yaciye abarungika kwa Innocent Museremu, arongoye iperereza ryo hagati mu gihugu, avuga ko ariwe yahagaritse ingingo y’ubutungane.
VII. Hari umuryango utabariza ababo bane bafashwe n’uwurongoye iperereza mu ntara ya Mwaro. Abo bafashwe bakaba bari mu muryango umwe, Elia Ndikumana na Pierre Ndayisaba bahoze mu gisoda ca kera, bakaba bapfunganywe n’abahungu babo nkuko amakuru avayo avyemeza. Aho bapfungiwe hakaba hatazwi.
VIII. Eliphase Niyongabo arongoye iperereza mu ntara ya Mwaro, avugwa mw’ihagarikwa ry’abo bantu bane bo mu muryango umwe, yaravuzwe kuva mu mwaka wa 2015 mu mabi menshi ajanye n’ihagarikwa ridakurikije amategeko, ihohotera rya kiremwa muntu n’iburwa irengero ry’abafashwe. Vyemezwa n’ishirahamwe FOCODE biciye mw’isekeza ryaryo Ndondeza. Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE.
IX. Urubanza rw’abahoze bakorera ishirahamwe SOGESTAL Kirimiro n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi rwari rutegekanijwe kuri uyu wa gatatu rwasivye ku ncuro igira gatandatu. Urwo rubanza rukaba rwerekeye imishahara y’amezi 18 batahembwe, hamwe n’agahamba bari gutekererwa. Abo bakozi bavuga ko ubucamanza bwiteza utunyoni kubera harimwo inyungu za Leta, bagasaba nyabuna umukuru w’igihugu kugira ico afashije kugira ngo barenganurwe.