I. Ku musi ugira uwa 16 abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu n’umushoferi wabo bashizwe mu mvuto, ivyabo n’ubu ntibiraja ahabona. Kugeza ubu baracari mw’ibihero rikuru ry’i Bubanza. Ubuyobozi bw’ikinyamakuru Iwacu bwameyesheje ko bwunguruje inyuma yaho icariho c’umushikirizamanza w’i Bubanza abashizeko icaha co guhungabanya umutekano mu gihugu n’ugukorana n’imirwi irwana. Kamikazi Christine, Agnes NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI, Egide HARERIMANA na Adolphe MASABARAKIZA, bafashwe itariki 22 Gitugutu bariko bagana muri komine Musigati gutohoza inkuru zijanye n’itana mu mitwe hagati y’umugwi witwaje ibigwanisho n’abajejwe umutekano. Kuva ico gihe, abatari bake baraneguye ifatwa ryabo. Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru, abarwanira agateka kazina muntu, eka n’abanyepolitike mu gihugu no mu makungu basaba ko borekurwa vuba na bwango kandi atagisabwe. Mu rwego rwo kugenzura ibikorwa vy’ibimenyeshamakuru CNC, bavuga ko bataramenyeshwa ico abo bamenyeshamakuru bafungiwe.
II. Umupasitori azwi kw’izina rya Casmir BUSA akaba n’umunywanyi w’umugambwe MSD muri komine Gahombo mu ntara ya Kayanza, yaraye yishwe arashwe ku rugo iwe n’abantu bataramenyekana. Mu gipolisi bakamenyesha ko amatohoza yatanguye kugira ngo hamenyekane abakoze ubwo bwicanyi.
III. Inzu yariko irubakwa kugira ngo izokoreremwo umugambwe CNL yaraye ibomowe ku mutumba Rutwenzi muri zone Mariza muri komine Burambi y’intara ya Rumonge. Abariko barakora kuri iyo ngoro, bakaba baciye bahagarikwa. Amakuru ava aho kuri uwo mutumba, akemeza ko iyo nzu yariko irubakwa yabomowe n’umugwi w’imbonerakure kw’itegeko ry’umukuru w’umutumba Rutwenzi.
IV. Abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo baragirizwa kuba bafise uruhara ku mutekano muke urangwa mu ntara ya Kirundo uvuye kukudahariranira kuvyiyumviro vy’imigambwe, na cane cane hagati ya CNDD-FDD na CNL. Bafatiye ku burorero butandukanye, abarongoye CNL mu ntara bavuga ko baba abajejwe intwaro ku rwego rwo hejuru, baba abajejwe umutekano canke inzego z’ubutungane, bose bakorera CNDD-FDD mu gutoteza abatavuga rumwe n’uwo mugambwe. Buramatari we avuga ko amaze kugirana amanama n’abanywanyi b’iyo migambwe ariko ntavuga ico yakoze mukubumvikanisha.
V. Abantu 13 baragandaguwe, umuntu umwe aranyuruzwa, 52 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko nayo 9 barasinzikarizwa ubuzima mu buryo butandukanye, ivyo bikaba vyabaye muri uku kwezi kwa Gitugutu dusozereye nkuko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu ACAT Burundi rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Kubwa Augustin Nimubona ajejwe kumenyesha amakuru muri ACAT Burundi akavuga ko abaza kw’isonga mu gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu ari imbonerakure, abakozi b’iperereza hamwe na bamwe mu ba polisi.
VI. Haravugwa ubunyonyezi mu ndongozi z’abasirikare b’abarundi bo mw’ibataillon ya 54 bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya. Ivyibwa cane akaba ari igitoro co kimwe na bimwe mu bifungurwa. Ubwo busuma bukaba bubabaza abasirikare bato bato.