Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/11/2020

Publié le 6 novembre 2020 par Rédaction

I. Ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa buraya bwasubiye kwemeza ibihano vyari vyafatiwe umushikirangaji w’intwaro yo hagati mu gihugu , umutekano  be n’iterambere ry’abanyagihugu  Gervais Ndirakobuca, hamwe na Godefroid Bizimana ajejwe ingendo mu biro vy’umukuru w’igihugu.  Abo bategetsi ukwo ari babiri, basanzwe bari mu bihangange bifata ingingo muri leta y’Uburundi. Bakaba bari bafatiwe ibihano ku mabi yakozwe, mu ndyane zadutse mu mwaka wa 2015.

II. Hari umwigisha akora kw’ishure shingiro rya Gatwenzi, muri komine ya Butihinda, ari hagati y’ubuzima n’urupfu, mu bitaro vy’i Muyinga. Amakuru ava mu baba aho i Muyinga, yemeza ko yahashikanywe n’uwurongoye iperereza mu ntara ya Muyinga, ahejeje gusinzikarizwa ubuzima. Uwo mwigisha akaba yari yakuwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi muri komine Butihinda, ejo inyuma y’umutanga, ahakuwe n’uwurongoye iperereza i Muyinga, aho yaramaze imisi afungiwe. Akaba yagirizwa n’abo basangiye ishirahamwe ryo gucukura inzahabu, kuba hari izo yoba yaracishije i ruhande ntazishorere ahazwi. Ababanyi biwe n’umuryango bagasaba ko  ubutungane bwokurikirana uwujejwe iperereza mu ntara ya Muyinga.

III. Imisi mirongo itatu irakwiye komine Rumonge yo mu ntara ya Rumonge itagira uwuyiramutswa. Uwahora ayirongoye yatowe kuba umushingamateka.  Amakuru ava aho mu Rumonge, akavuga ko mu mugambwe CNDD-FDD, hari ukutumvikana ku woja muri ico kibanza.

IV. Biratangaje kubona umukenyezi yatowe kugira aserukire abandi bakenyezi, ariwe ahohotera ubwigenge bwabo. Ivyo bishikirizwa na Marie Louise BARICAKO, arongoye umuhari Inamahoro, w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano  mu Burundi. Ni mu gihe musitanteri wa komine Ruhororo yafashe ingingo, y’uko abakenyezi bo muri iyo komine bategerezwa kuba bashitse mu rugo isaha zibiri z’ijoro. Ivyo na vyo ngo bikaba biteye kubiri n’amategeko.

V. Ikigo CNC kijejwe gucungera ingene amakuru atangwa mu Burundi, ngo nta burenganzira na bumwe gifise bwo gutanga ikarata y’umumenyeshamakuru, ku bakora uwo mwuga mu Burundi, kuko biteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu agenga abamenyeshamakuru. Bivugwa n’urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ, inyuma y’aho uwurongoye CNC amenyeshereje ko uwutazoba afise ikarata yatanzwe n’urwo rwego, atazofatwa nk’umumenyeshamakuru.

VI. Hari abana babiri bapfuye bahejeje kuvuka ku bitaro bikuru vya Nyanza-Lac. Amakuru ava kuri ivyo bitaro, avuga ko bari bavutse batageze. Ayo makuru nyene yemeza ko urwo rupfu rwoba rwaturutse ku guteba kwakirwa, kuko abakozi bo kuri ivyo bitaro banse kwakira uwo muvyeyi ngo ntafise karangamuntu.

VII. Abantu babiri ni bo bapfuye kuri uyu wa kane, abandi 18 nabo bari mu bitaro. Amakuru ava mu babanyi avuga ko boba bahawe ishano mu mfungurwa bariye, aho bariko baca umukozi ku mutumba wa Nyakarama, wa zone ya Kinyonza, komine n’intara ya Kirundo. Abo bantu bagizwe n’abakenyezi be n’abakiri bato, bahavuye bungururizwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Kirundo, inyuma y’aho babiri muri bo bacikaniye kw’ivuriro rito ry’i Nyakarama.

Ibindi bisa n'ibi