Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/11/2021

Publié le 6 novembre 2021 par Rédaction
I. Kuri uyu wa gatanu ku muhingamo hari umushikirizamanza wo muri parike y’intara ya Mwaro yafatanywe itonga ry’igiturire c’ibihumbi ijana. Damien Ndabakenga yafashwe igihe yariko arashira mu mufuko igice ca nyuma c’ibihumbi ijana yatse umuburanyi mu rubanza. Uwo muburanyi akaba yaciye amuta mu mutego amufatisha ariko atora ayo mafaranga. Ubu muri kino gihe uwo mushikirizamanza wa parike mu ntara ya Mwaro akaba yaciye amanukanwa i Bujumbura, aho apfungiwe kuri komisariya nkuru y’igipolisi c’inyamiramabi kw‘i Jabe, mu kurindira ico amatohoza ashikako nk’uko isoko ryacu  i Mwaro ribitumenyesha.
II. Abanywanyi 14 b’umugambwe CNL bo muri komine Shombo mu ntara ya Karuzi. Bari bamaze hafi indwi bapfunzwe bararekuwe kuri uyu wa gatanu, inyuma yo gutanga amafranga y’ihadabu bivugwa ko ata gitansi (quittance mu gifaransa) baronkejwe. Bari bapfunzwe bagirizwa kuba bari mu migwi y’abitwaje ibirwanisho, ivyagiriji ababanyi babo bavuga ko bidafashe.
III. Mw’ishirahamwe ACAT-Burundi ryishinze kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, bavuga ko ubwo ari ubusuma bweruye bukorerwa abatavuga rumwe na leta. Iryo shirahamwe risigura ko kurekura umuntu ubanje kumusaba amafaranga ntihagire n’igitansi umuha kivyemeza,  biteye kubiri n’amategeko. Jean Claude Ntiburumunsi arongoye igisata kijejwe ubutungane mw’ishirahamwe ACAT-Burundi.
IV. Impunzi z’abarundi barenga 50 bo mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya barekuwe ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu. Abo nabo bari bafashwe ku wa gatatu uheze. Bagirizwa kuba barahonyanze ingingo ibabuza kworora ibitungwa mw’ikambi. Impunzi zo muri iyo kambi ariko zigasaba leta ya Tanzaniya gufuta ingingo zibabuza gukora imirimo ibafasha kwisumamwo, kugira bashobore kubaho.
V. Mu kigabane ‘’Kw’Isôko’’ c’uno munsi turabira hamwe aho ishirwa mu ngiro rigeze, ry’ingingo ribuza kuragira ibitungwa ku misozi, inyuma y’ukwezi iryo tegeko ritanguye gukurikizwa.

Ibindi bisa n'ibi