1.Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu buhejeje gufata ingingo yo kumanura igiciro c’igitoro co mubwoko bwa essence n’amazutu. Mw’itangazo ubwo bushikiranganji buhejeje gushira ahabona ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere, igiciro c’ilitiro ya essence camanutse amafranga amajana abiri, cavuye ku bihumbi 4550 kija ku 4350, ilitiro ry’amazutu riva ku mafranga ibihumbi 4395 kija ku 4235. Uretse essence n’amazutu, igiciro ca peterori co ciyongereyeko amafranga 100. Kikaba cavuye ku mafranga ibihumbi 4150 kija ku 4250. Nkuko vyamenyeshejwe n’umushikiranganji Ibrahim Uwizeye, iyo ngingo ikaba ifashwe hisunzwe ingene igiciro c’ibikomoka kuri peterori cagabanutse kw’isoko mpuzamakungu.
2.Hatowe ikiziga c’umuntu w’umugabo ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika mu gitondo co kuruyu wa mbere. Nkuko amakuru ava ngaho i Nyanza-lac abivuga, ikiziga c’uwo muntu ntikiramenyiekana ariko ngo kikaba caciye gitwarwa muburuhukiro bw’ibitaro vyo ngaho i Nyanza-lac. Ngaho muri commune Nyanza-lac nyene, umuntu umwe ari mubari baje kwiba kuri paroisse katolika ya Nyanza-lac yaraye akomerekejwe arashwe n’aba police. Uwo mugabo azwi kwizina rya Bigirimana Serges ava ku mutumba Siza muri commune Makamba ngo yari kumwe n’abandi basuma 2 aho burira impome z’uruzitiro rwa paroisse hafi isaha indwi z’ijoro, baja kwiba mububiko bw’ibikoresho vya paruwasi. Umupolisi yari ngaho yaciye abatesha aca arasa uwo musuma mukuboko araheza arafatwa. Ivyo bari bivye bikaba vyahavuye bifatirwa mugashamba kari hafi yiyo paroisse. Uwo musuma ubu akaba ariko avurirwa mubitaro vya Nyanza-lac acunzwe n’igipolisi.
3.Abasirikare b’abarundi bataramenyekana igitigiri nibo baguye mu ntambara zabahuje n’umuhari m23 mu ntara ya Kuvu yo mu buraruko abandi barakomereka. Amakuru atangwa nabasirikare avuga kandi ko hari nabafashwe. Abo basirikare nabo muri contingent tafoc baba bambaye umwambaro wigiririkare ca Congo. Amakuru atangwa nabasirikare akavuga ko mu Burundi bariko bategura abandi basirikare baja gufasha abasanzweyo muri izo ntambara.
4.Haratangujwe kumusi wagatandatu urugendo rwitiriwe Urumuri rw’amahoro muntara ya Muyinga. Urwo rugendo rwatangujwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Urwo rugendo rugira 17 rukaba gwatangujwe rukaba rushimikiye kw’iterambere. Umukuru w’igihugu akaba asaba abanyagihugu kwijukira ibikorwa, kugira aho rwo rumuri ruzoca ngo ruzobabere umuhezagiro.
5.Ferederiko Bamvunginyumvira arongoye urunani CFOR Arusha akaba yahoze ari n’icegera c’umukuru w’igihugu w’Uburundi asigura ko ivyo bikogwa vy’urumuri rw’amahoro biri muntumbero y’umugambwe CNDD FDD wo kwereka abanyagihugu ko bariko baragirigwa ivyiza kandi atabihari. Kubwiwe ivyo bintu bikogwa ni nk’ukwiyamamaza kugira abarundi biyumvemwo umugambwe CNND FDD kuko vyarabananiye kugira imigambi myiza yofasha abarundi mugihe cose bamaze k’ubutegetsi.
6.Abantu 2 nibo baraye baciriwe gupfungwa imyaka iri hagati na 2 na sentare nkuru y’igihugu ya Makamba. Murizo manza 3 z’ikibiriraho zabaye inyuma y’umutaga kuruyu w’Imana igenekerezo rya 5 Munyonyo , bose bakusrikiranwa kucaha coguhungabanya ubutunzi bw’igihugu mugukora uradandazwa rwa magendu bakuye ibidandazwa mugihugu ca Tanzanie. Babiri muri bo bahanishijwe umumyoro w’imyaka iri hagati y’ 1 n’ 2 hamwe n’ihadabu ry’ibihumbi 100 000 fra n’ 200 vy’amarundi. Umwe muribo yafatanywe ibitenge 5 akaba yarejejwe na sentare kuko avugako abizaniye umuvyeyi wiwe hamwe nuwo bimirije kwubakana kanatsimda ngo ntiyaraziko babanza kubirihira. Tubamenyesheko abantu 11 aribo bamaze gufatwa n’igipolisi murizi ndwi 2 ziheze bagirizwa urudandazwa rwa Magendu muribo 1 akaba ariwe amaze kwezwa n’ubutungane.
7.Ibarabara ry’igihugu rigira gatatu Rumonge – Bujumbura riguma ribomoka kubera imvura nyinshi , rirateye ubwoba abarikoresha na cane cane abo mu micungararo ya Zone Gitaza iri muri komine Muhuta iri mu ntara ya Bujumbura. Abanyagihugu babona ko umwanya uwari wo wose iryo barabara rishobora kudahita, bagasaba ababijejwe kurigarukira amazi atararenga inkombe.
8.Imyidogo ni myinshi ku bantu bari bafise utuzu two kudandarizamwo mwisoko nkuru ya Muyinga bari bapangishije bakaba baherutse kutwakwa nikigo kijejwe kwegeranya amakori namatagisi OBR aho ico kigo catweguriye abari badupanze aba aribo bagiranira amasezerano ko bazoja barariha ico kigo amahera bahora bariha komine Muyinga nayo bene kwubaka utwo tuzu bataha zirayoye.Abo banyagihugu bavuga ko banyazwe basaba Leta gusubiramwo iyo ngingo.