Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/12/2019

Publié le 6 décembre 2019 par Rédaction

I. Uno musi wa gatanu ugize uwa 46, abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Térence Mpozenzi na Egide Harerimana b’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu uwu mwaka, bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abareberi i Musigati, mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru babanje guhagarikwa baja gufungirwa mu gasho ka komine Bubanza, hanyuma bungururizwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Bubanza, igenekerezo rya 26 uko kwezi nyene.  Kw’igenekerezo rya 31 sentare nkuru y’intara ya Bubanza niho yafata ingingo yo kubagumiza mw’ibohero. Bakaba bagirizwa gukorana n’abagizi ba nabi no guhungabanya umutekano w’abanyagihugu.

II. Ishirahamwe ry’abagenzi b’ibidukikije rirababajwe n’abantu batagira uko bangana, baherutse guhitanwa n’ibibomoka vy’imisozi kubera imvura nyinshi yaguye mu ntara ya Cibitoke, ku musi wa gatatu. Iryo shirahamwe ryibaza ko iryo sanganya ryavuye ku ngaruka ry’ihindagurika ry’ibihe, hamwe no gutunganya amasi, bitari ivya kijambere. Abajejwe indimo, abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe ibidukikije, ngo bari bakwiye kuburira abanyagihugu igihe cose, hari ivyaduka nk’ivyo bishobora kuba. Iyo mvura y’isegenya, yaguye ku misozi ya Rukombe, Nyempundu na Rwamagashwe yo muri komine ya Mugina, iri mu ntara ya Cibitoke, yahitanye abantu bababa 30; abashika 10 barakomereka, abandi barenga 25 baraburwa irengero ryabo. Mamert Sabushimike niwe arongoye iryo shirahamwe ry’abagenzi b’ibidukikije.

III. Indwara zituruka kw’isuku rike, zatanguye kwigaragaza mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Mulongwe muri Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ni kuva aho imvura ivanze  n’igihuhusi imaze indwi zibiri igwa, muri iyo kambi yasenyuye amazu arenga 50,  n’utuzu twa Surw’umwe tungana 160, ibikoresho vyo mu mazu birononekara,  Izo mpunzi zikagiriza ishirahamwe HCR ko ritarigera rizigarukirako kuva zigiye muri ivyo vyago. Twarondeye abaserukira ishirahamwe ryitaho impunzi HCR aho i Mulongwe kugira bagire ico babivugako, turabakena.

IV. Igisata ca ONU kijejwe impunzi kw’isi HCR, kimenyesha ko abarundi bahunze igihugu bataha ku gushaka kwabo. Bivugwa n’uwurongoye HCR mu Burundi, hakaba hari mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu. Muri ico kiganiro, akaba yariko arashikiriza ivyavuye mu mubonano hagati y’iryo shirahamwe n’ibihugu vy’u Burundi na Tanzania ku bijanye no gutahukana impunzi.

V. Impunzi z’abarundi zononewe ibintu n’imvura yaguye ku wa gatatu uheze mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya n’ubu nta mfashanyo bararonka. Iyo mvura ikaba yatumye abantu 20 batakigira aho bakika umusaya. Ubu barara ku babanyi babo inzu zabo zitabomotse. Umwe mu barongoye abandi aho i Nduta agasaba ko abo bantu boronswa imfashanyo yihuta.

VI. Kuri uno wa gatandatu mu gisagara ca Kampala, niho hazotangura inkino za CECAFA zihuza imigwi nserukira bihugu y’umupira w’amaguru. Uburundi buri mw’itsinda rya mbere aho buri kumwe na Ouganda, Somaliya, Erythreya na Djibouti. Muri iryo tsinda, hakazovamwo imigwi ibiri izoja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Uburundi bukaba bufise amahirwe menshi yo gushika muri ico gice, na rirya ivyo bihugu bisangiye itsinda n’Uburundi kiretse Ouganda, ibindi vyose biri mu bibanza vya nyuma muri Africa. Abakinyi ba Olivier Niyungeko ku musi w’ejo akaba ariho bafise akazi gakomeye cane kuko bazotana mu mitwe na Ouganda, Uburundi butaratsinda na rimwe. Iryo higanwa rikazokugururwa n’urukino ruzohuza Djibouti na Somaliya. Mu gihe rero abahungu bazoba bariko barakinira I Kampala, abakobwa nabo badashikana imyaka 17 bazoba bariko bakinira mu gisagara ca Jinja.

Ibindi bisa n'ibi