Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/12/2021

Publié le 6 décembre 2021 par Rédaction
I. Ibibazo ni vyinshi ku miryango 2 yanyurujwemwo abantu 5 bo mu ntara ya Rumonge, ku mutumba wa Muhuzu ku wa 12 Gitugutu 2021. Muri abo batanu, 4 bakaba ari abo mu muryango umwe. Abo bantu banyurujwe bavanywe mu nzu iwabo n’abantu bambaye impuzu z’igipolisi c’Uburundi. Kuva ico gihe, ntawuzi amakuru y’abo bantu batanu. Iyo miryango ikaba iri mu gahinda uyu musi, bagasaba ko haba umuco ku babo banyurujwe.
II. Hari umunyagihugu wo muri komine Gashikanwa y’intara ya Ngozi amaze indwi anyurujwe n’abantu bivugwa ko bakorera iperereza, bamukuye muhira iwabo. Umuryango wiwe bafise amakenga ku mutekano wiwe, bagasaba kumenyeshwa aho yoba apfungiwe.
III. Iryo hagarikwa ry’agasakisaki ry’abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na leta mu ntara ya Ngozi, riraraje ishinga ishirahamwe FOCODE. Iryo shirahamwe rinegura ko iryo hagarikwa aho ribera hose riba hahonyanzwe amategeko abigenga, rigasaba leta y’Uburundi kwikubita agashi ikabihagarika. Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE.
IV. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, MFFPS, ufadikanije n’urunani CAVIB, ruhurikiyemwo abashingwamanza baburanira abarundi bakorewe amabi ahanwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, basaba umukuru w’igihugu gushira mu ngiro itegeko ryo kw’igenekerezo rya 22 nyakanga 2016, rihana amabi afatiye ku gitsina. Mw’ikete bandikiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, bavuga ko amabi afatiye ku gitsina yabaye akananirabahinga. Me Gustave Niyonzima, arongoye urunani CAVIB.
V. Hari umuntu yaraye yishwe mw’iri joro ryakeye ku mutumba Ruvumvu wa komine Bubanza, ku murwa mukuru w’intara ya Bubanza. Hari nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro, igihe Jean Marie Nsabimana yasohoka aja mu bwiherero, hama akubitwa ikintu mu mutwe n’umuntu atamenyekanye, aca arapfa. Umugore wiwe niwe yatabaje ababanyi amaze kubona umugabo yagiye ntagaruke. Abanyagihugu bo ku mutumba Ruvumvu si ubwa mbere baterwa. Mu kwezi guheze, abantu bane ni bo bakomerekejwe n’abantu bari bagiye kwiba mu mazu y’abantu. Abajejwe intwaro basaba abanyagihugu kwirarira na rirya k’uyo musozi uri ku murwa mukuru w’intara ya Bubanza, hatagira umuyagankuba.
VI. Sentare y’intango ya komine Gitega yaraye yibwe muri iri joro ryo kuwa Mungu rishira uwa mbere. Ama dosiye y’imanza ziri muri iyo sentare ataramenyekana igitigiri, yibwe. Abo bivye, babanje kubomora umuryango n’amadirisha babona kwinjira. Umuzamu wo kuri iyo sentare akaba yazindutse yumvirizwa ku mvo z’amatohoza ngo hamenyekane ababikoze. Ibijanye n’ido n’ido ry’ama dosiye y’imanza yibwe ntibiramenyekana.
VII. Umugambi wo kuronsa umuyagankuba umugwa mukuru wa komine Giharo waranigiwe mu menshi, inyuma y’imyaka 6 uwo mugambi utangujwe. Abanyagihugu bavugako habaye ubusuma bw’amafaranga arenga umiriyaridi mu bikorwa vyitiriwe gutanga uwo muyagankuba, ku mugwa mukuru wa komine Giharo. Basaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’iterambere rusangi, gufata ikibazo cabo mu minwe.
VIII. Impusha zahora zisabwa n’abanyamahanga bashaka kwinjira mu gihugu ntizigikenewe ku bakwije impapuro zisabwa bipfuza kwinjira mu Burundi. Biri mu rwandiko rwasohowe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kw’igenekerezo rya 3 kigarama uyu mwaka. Ku bw’umushikiranganji Gervais Ndirakobuca, ngo abanyamahanga ariko bazosabwa kuriha amahera ategekanijwe bashitse ku rubibe binjiriyeko. Iyo ngingo ikaba ishizweho kuko ngo abashaka izo mpapuro vyahora bibasaba umwanya munini, ivyo bigatuma igitigiri c’abanyamahanga bipfuza kuza mu gihugu kigabanuka.
IX. Alexandre Muyenge ni we yatowe kuri uno w’Imana ngo arongore ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB. Asubiriye Reveriyano Ndikuriyo yaramaze imyaka 8 muri ayo mabanga. Inkino nazo za basketball zo kurondera imigwi izitabira ihiganwa rya BAL ziratangura kuri uno wa mbere I Johannesburg aho Uburundi bwaserukiwe na New Star. Imigwi ya Kurasini Heat na City Oilers ntiyabaye icitaba iryo higanwa. Bitegekanijwe ko New Star ikina na Cape Town Tigers isaha imwe z’ijoro mu masaha y’i Johannesburg.

Ibindi bisa n'ibi