I. Abanywanyi babiri b’umugambwe CNDD-FDD barirukanywe muri uyo mugambwe ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere, muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Abo birukanywe n’uwurongoye umugambwe muri Nyanza-lac, hamwe n’umujenama wa komine yagirizwa kuba yararongoye inama yakuye abarongoye inama mpanuzwajambo ya komine.
II. Bamwe mu bakoresha ururimi rw’ikinyarwanda mu ntara ya Ruyigi, bamaze igihe bariko barahirwa n’inzego z’igipolisi, bagirizwa kuba mu Burundi bidaciye mu mategeko. Bamwe muri bo baramaze gufatwa, aho abagera kuri 4 bagipfunzwe. Ariko rero amasoko atandukanye yemeza ko abo banyarwanda bamwe bavukiye mu Burundi, bakomotse ku bavyeyi bari barahungiye mu Burundi. Bamwe muri bo bakaba bize mu Burundi bongera barahakora, hakaba hari n’abamaze kuja mu karuhuko k’izabukuru.
III. Ibiganiro bigira gatatu bihuza Leta ya republika iharanira demokrasi ya Congo n’abarwanira ku butaka bw’ico gihugu, hamwe n’imihari idaharanira politike, yari iriko ibera i Nairobi mu gihugu ca Kenya kuva igenekerezo rya mirongo ibiri n’umunani Munyonyo, vyaherahejwe kuri uno munsi wa kabiri igenekerezo rya gatandatu Kigarama. Ivyo biganiro bikaba vyari birongowe n’uwahoze atwara igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta. Akaba n’umuhuza muri ivyo biganiro. Mu vyo bumvikanyeko nyamukuru n’ukwo imigwi yahora irwana igiye gukorana na Leta ya Congo, kugira bashire mu ngiro umugambi wo gusubiza ibirwanisho bagasubizwa mu buzima busanzwe.
IV. Imyidogo ni myinshi mu mpunzi z’abarundi bagendana ubumuga bo mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Bavuga ko igisata ca ONU kijejwe impunzi kw’isi HCR kitabafata nk’abandi, kandi ko bataronswa ibikoresho vya nkenerwa mu buzima bwabo. Basaba ico gisata kubatunganiriza, kikabafata nk’izindi mpunzi. Ivyo babivuga mu gihe kuri uno wa mbere ariho hahimbazwa mu gihugu ca Tanzaniya umusi mukuru wahariwe abagendana ubumuga, mu gihe amakungu awuhimbaza igenekerezo rya 2 kigarama buri mwaka. Umwe muri abo bagendana ubumuga aravyigana.
V. Hari uwasavye kubeshuza ivyamuvuzweko biciye muri radiyo Inzamba. Uwo na we n’uwuserukira impunzi muri Ouganda avuga ko ata ruhara afise mw’ifatwa ry’abantu inyuma y’aho impunzi y’umurundi yaba mw’ikambi y’i Nakivale aburiwe irengero. Mu ndwi iheze, radiyo Inzamba yari yabumvishije inkuru y’iburwa irengero ry’uwitwa Didace Havyarimana, impunzi yaba mw’ikambi y’i Nakivale. Bikaba vyavuzwe ko haciye hakurikira ifatwa ry’abantu batari bake, kandi ko Damien Nyandwi, aserukira impunzi muri ico gihugu, yoba ariwe yari inyuma y’iryi fatwa. Uwo nawe akaba ahakana yivuye inyuma ivyo yagirizwa.