I. Gutanga urupapuro rw’inzira Passeport mu Burundi vyahindutse urudandazwa, kuva ku muyobozi w’ibiro vy’igipolisi kijejwe imbibe, gushika ku bakozi bo hasi bakora nk’abaranzi. Nk’uko bivugwa na bamwe mu barondera izo mpapuro, inyuma yo kuriha amafranga asabwa, bategerezwa gutanga n’imiburiburi ayandi ibihumbi 150 y’igiturire. Abarondera izo mpapuro bagasaba abarongoye PAFE gutanga izo mpapuro bakurikije amategeko.
II. Umusirikare w’ipete rya Caporal-chef Tharcisse MACUMI, yaratowe ikiziga italiki 31 Kigarama guheze, ku mutumba Mwumba muri komine n’intara ya Gitega. Yari uwo mwikambi y’i Gitega bita bataillon igara 22, 22e bataillon blindé mu gifaransa, akaba yari mu bacungera ikirimba c’umukuru w’igihugu i Gitega, akaba yari n’umuhinga mu vyo kugema ukoresheje inkoho. Ikiziga ciwe catowe amaze imisi ibiri atawuzi irengero ryiwe. Pacifique NININAHAZWE, arongoye ishirahamwe FOCODE ryashizeho umugambi NDONDEZA ku bantu baburwa irengero.
III. Pacifique NININAHAZWE aravuga kandi ko hari uwundi musirikare w’umuhinga mu vyo kurasa Rénovat NDAYIRAGIJE, yabuzwe irengero italiki 3 z’uku kwezi, haheze imisi ibiri, hatowe ikiziga capremière classeTharcisse MACUMI. Rénovat NDAYIRAGIJEakaba yari mu bacungera ubuzimabw’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare.
IV. Abantu 4 hamwe n’abandi bashika 2 barakorewe amabi afatiye ku gitsina, abandi 8 barafatwa amategeko atubahirijwe, nkuko biri mu cegeranyo c’umuhari Iteka wasohoye kuri uyu wa kabiri, kivuga ku mabi yaranze indwi twaraye dusozereye. Andrée Nsabimana ajejwe kumenyesha amakuru muri uwo muhari, akavuga ko bababazwa n’ukudahana vyabaye umugenzo mu Burundi na cane cane ku mbonerakure za CNDD-FDD, zikora ayo mabi zidahanwa.
V. Mugihe urunani rw’amashirahamwe y’abigisha COSESONA rwatanze ikiringo kuri uyu wa 7 Nzero ko ari umusi wa nyuma wogushikana impapuro zemeza ko batazokatwa intererano, abigisha bo mu ntara ya Makamba bamenyeshako izo mpapuro zitabashikiriye. Aho bakavugako izo mpapuro zahawe abayobozi b’indero mu ma komine, ariko nkuko bivugwa n’abakora muri ubwo buyobozi, ngo bahabwa impapuro zitarenga 5 kw’i komine. Aho mwomenyako izo mpapuro zatanzwe n’urwo runani zanditse ko kizira kuzifotora ahadakoreshejwe uburyo bwa Scanner imashini zibikora zikaba arinke cane. Abigisha bakavugako rwabaye uruyeri rwo kubananiza kugira ntibashobore kubisinya. Basaba ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi kutemera ibisabwa n’urwo runani ntiruzobakate imishahara yabo.
VI. Abadandaza ububare mu gisagara ca Rumonge, baridogera ingingo yo kwugara ububare igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Bavuga ko amasaha atatu yonyene bakora adashobora gutuma bakora bunguka kugira ngo barihe amazu bapanze bongere barihe ikori.
VII. Uyu musi ugize uwa 78 abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu Christine Kamikazi, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI, Egide HARERIMANA batawe mu mvuto. Bahagaritswe ku wa 22 Gitugutu bariko bagana muri komine Musigati, gutohoza inkuru zijanye n’imishamirano hagati y’umugwi witwaje ibigwanisho, n’abajejwe umutekano. Bakaba baherutse gusabirwa umunyororo wo gufungwa imyaka 15. Abatari bake baraneguye ifatwa ryabo. Urubanza rukaba ruri mu mwiherero.