Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/01/2021

Publié le 7 janvier 2021 par Rédaction
I. Aimé Irambona aherutse gufatanwa ikiziga c’umuntu yakubitiwe mu kabare iwe, mu ntara ya Gitega, yaraye aciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka 21 na sentare isubiramwo imanza ya Gitega. Uwo asanzwe ari icegera c’uwurongoye imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD, yari yarengutse ari kumwe n’abandi bantu batanu basangiye icaha. Batatu muri bo, sentare ikaba yabaciriye umunyororo wo guherayo.
II. Aho nyene mu ntara ya Gitega muri komine MUTAHO, ku mutumba MUYANGE, havugwa umugabo yaraye yishe umugore n’umwana wiwe, akoresheje isuka. Uwagirizwa icaha akaba yafashwe, akaba arindiriye urubanza rw’ikibiriraho nkuko amakuru ava muri parike y’intara ya Gitega abivuga.
III. Bamwe mu barimyi bashorera ibifungurwa mw’isoko nkuru y’i Muyinga bavuye mu yandi ma komine y’intara ya Muyinga, ari hafi y’umugwa mukuru w’intara, baridoga ko bashitse muri komine ya Muyinga basabwa kuriha amatagisi y’ivyimburwa bashoye, kandi ngo baba babirihiye mu ma komine iwabo. Abo barimyi ntibatahura ingene barihishwa amatagisi abiri, kandi amategeko ategekanya itagisi rimwe rudende, ku muntu ashoye ibifungurwa akuye mw’itongo iwe.
IV. Abantu bababa 400 baridoga ko bataronkejwe amafaranga bari bemerewe. Bagize amatohoza muri Nyakanga 2019 ku bijanye n’abana baheba ishure ariko ngo Fondation Niyongabo yari yabatumye ico gikorwa, ntiyabahaye ivyo yabemereye. Uwuserukira iryo shirahamwe ryitaho ivyo kwigisha abana batishoboye, wewe yemeza ko ivyo yabemereye vyose babihawe.
V. Kuri uyu wa kane hatunganijwe ikibazo ku banyeshure baherutse guheza igisata c’amashure yisumbuye, mu mashure y’akarorero. Abazoba batoye ico kibazo bazoca bashirwa mu bisata vya kaminuza y’Uburundi bifatwa nk’ibisata vy’akarorero. Umushikiranganji w’indero Gaspard Banyankimbona arasigura igituma batunganije ico kibazo.
VI. Umushikiranganji Gaspard Banyankimbona avuga kandi ko atawogira amakenga ko mu gukoresha canke mw’itorwa ry’iki kibazo, hoba hajamwo aka mwana wa mama. Ico kibazo kikaba cakorewe mu bibanza bitandukanye bitandatu, bikwiragiye hirya no hino mu gihugu. Abanyeshure bose bakoze bakaba ari abarenga 1800.
VII. Abakozi ba Regideso sibo bonyene boshirwako amakosa ku kungene iryo shirahamwe rihagaze uno musi. Uwo n’umwihwezo wa Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi. Kubw’iwe ngo n’ukwihweza neza uruhara rw’abafise ububasha bose kur’iryo shirahamwe, harimwo n’inzego zo hejuru muri Reta. Faustin Ndikumana ati hari inzego atakindi zashiriweho atari ukwerekana hakiri kare ingorane nk’izo, akanegura rero ko zitigeze zibikora. Uwo mwihwezo wa Faustin Ndikumana uje mu nyuma y’aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yegetse amakosa yose ku bakozi ba Regideso. Yavuze ko abo bakozi iyo bava bakagera bose bari mu batumye iryo shirahamwe rigera aho ryugara, agasaba ko bose bokwirukanwa.
VIII. Ikiza Covid-19 carakoze ku badandaza b’abarundi badandariza mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda, bavuga ko bahomvye ku rugero rw’ibice 10 kw’ijana vy’inyungu bahora baronka. Ivyo ngo bikibonekeza cane cane mu bacuruza ibinyobwa kuko abakiriya batagiterama. Umwe muri abo bacuruza mu bubare, aratubwira ingene vyifashe.

Ibindi bisa n'ibi