Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/01/2022

Publié le 7 janvier 2022 par Rédaction
I. Hari abasirikare b’Uburundi batari bake bajabutse uruzi Rusizi baja mu gihugu ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane rishira uwa gatanu. Bajabutse mu migwi itandukanye bari kumwe n’imbonerakure. Amakuru ava muri bamwe mu basirikare avuga ko bagiye gufashanya n’abandi bari basanzwe bamaze imisi aho mu gihugu ca Congo, guhiga imigwi y’abarundi ibarizwa kuri ubwo butaka.
II. Ubwoba ni bwinshi mw’ikambi y’impunzi z’abarundi iri Nduta mu gihugu ca Tanzania. Ni kuva aho hagize iminsi hibonekeza abantu bahagarikwa mw’ijoro na bamwe mu bari mu ndongozi z’iyo kambi. Bamwe muri izo mpunzi bakavuga ko abariko barahagarikwa ari bamwe mu mpunzi bavanywe mw’ikambi ya Mtendeli. Izo mpunzi zigasaba ko umutekano wabo wokingirwa.
III. Abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi baranegura iyo nyifato y’abajejwe intwaro mu gihugu ca Tanzaniya, mu gihe ico gihugu nyene gisanzwe carateye umukono ku masezerano yo kw’isi akingira impunzi. Vital Nshimirimana arongoye urunani ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC, arasaba umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Samia Suluhu Hassan gufata ico kibazo mu minwe.
IV. Kudafata ingingo zikomeye no kuburabuza abanyagihugu mu kuvuga indimi zitandukanye mu gikorwa co  kugwanya ikiza ca Covid-19 ; ngo ni vyo ahanini vyaranze igisata c’amagara y’abantu mu kiringo c’umwaka uheze wa 2021. Ivyo bivugwa na Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’amagara y’abantu. Anegura n’uko umugambi leta yishinze wo kwubaka ibitaro muri komine zose z’igihugu ushirwa mu ngiro nabi nabi.
V. Umuhinga Come Konakuze asigura ko hamwe leta y’Uburundi itokwisubirako ngo yerekane ugushaka kuboneka mu kugwanya ico kiza ca Covid-19, bishobora gutera ingaruka mbi ku gihugu harimwo n’ukugikumira mu makungu. Avuga ko inzira irashe ari iyo guhimiriza abanyagihugu kwicandagisha.
VI. Umuntu yagirizwa kuba yarabeshe umukuru w’igihugu biciye mu butumwa bwo kuri telephone yarafashwe arapfugwa. Martin Minani batazira Jacques Souleyman, yituye umukuru w’igihugu avuga ko yibwe amafaranga umuliyoni n’amajana atanu, bigizwe n’umukozi wo mu rwego rw’iperereza. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano avuga ko amatohoza yerekanye ko uyo Minani yabeshe abifashijwemwo n’abandi bantu babiri, harimwo igisongerezi c’umupolisi w’umugore. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yerekana n’abo bagirizwa icaha. Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano.
VII. Imigwi 24 y’umupira w’amaguru nserukira bihugu ni yo igiye kumara ukwezi ihiganwa mu gihugu ca Cameroun guhera kuri uno w’Imana, mu gikombe ca Afrika kigira ica 33. Muri izo nkino imigwi ya Cameroun, Algeriya, Misiri na Sénégal iri muyihabwa amahirwe yo gutwara ico gikombe mu gihe abakinyi nka Mané, Sarah, Aubameyang, Mahrez, Mendy ari bamwe mu bakinyi bitezwe muri iryo higanwa.

Ibindi bisa n'ibi