Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/01/2023

Publié le 7 janvier 2023 par Rédaction
I. Umugwi w’abasirikare bajejwe gutabara bo muri bataillon ya 64 ya ATMIS, imaze imisi ivuye mu gihugu ca Somaliya, baraye bashikanye ibiziga birenga bitanu vy’abasirikare baguye mu gihugu ca Congo, n’abandi bakomeretse barenga 10. Abo basirikare b’Uburundi bari mu ntambara ziriko zibera mu buseruko bwa Congo mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko, bavuga ko batanye mu mitwe n’umuhari FNL wa Aloys Nzabampema mu bice vya Naombi, biri mw’ishamba rya Itombwe.
II. Umwana w’umuhungu w’imyaka cumi n’itatu apfungiwe kuva kuri uwu wa gatanu mu gasho k’igipolisi muri komine ya Kabarore, intara ya Kayanza. Akaba yafatanywe ibiro bitatu vy’ubutare bivugwa ko yagire ashore muri kimwe mu bihugu bihana urubibe n’Uburundi. Akaba ariko agirwako amatohoza kugira abari bamurungikanye ubwo butare bamenyekane.
III. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bategerezwa guhindura inyifato kugira bashobore guhangana n’ikiza ca Cholera camaze kwibonekeza. Ukurwanya ico kiza kiva ku mwanda aha nini bikaba bihagaze ku guhindura inyifato mu bijanye n’isuku. Izo n’impanuro za Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’amagara y’abantu, akaba abivuze inyuma yaho umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyeshereje ko ico kiza camaze gushika mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura. Agasaba abari mu gisata c’ubuvuzi kwegeranya amakuru yose yobafasha kurwanya ico kiza.
IV. Mu gihe rero amakaritiye atari make yo mu gisagara ca Bujumbura avugwamwo indwara ya Cholera kubera ubukene bw’amazi meza, umuyobozi w’igisata c’amazi mw’ishirahamwe REGIDESO, Innocent Nkurunziza, avuga ko ivyuma n’ibindi bikoresho bitanga amazi bishaje kandi ari bike uravye ubwinshi bw’abantu bakeneye amazi. Asigura ko hakenewe amafranga y’amarundi arenga imiriyaridi 24 kugira binagurwe, hanyuma abanyagihugu bose bo mu gisagara ca Bujumbura bashobore kuronka amazi meza.
V. Kuri uwu wa gatandatu ni ho hari hategekanijwe amatora y’uwusubirira musitanteri wa komine Bugarama yo mu ntara ya Rumonge. Ayo matora ntiyabaye akiba. Amakuru ava aho muri komine ya Bugarama avuga ko abajenama baturuka mu mugambwe CNL banse kwinjira muri ayo matora. Imvo batanga kukaba ari uko umwe muri bo yinjiye mu mugambwe CNDD-FDD kandi yaravuye muri uwo mugambwe, bagasaba ko asubirizwa bikaba bitaraba. Uwo musitanteri wa komine Bugarama co kimwe n’uwa komine Buyengero na Rumonge bose bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura. Bagirijwe kunyuruza ibikoresho vyo kwubaka amashure muri iyo ntara, vyari vyatanzwe n’ibiro vy’ umukuru w’igihugu. Hampande y’abo, hari n’umuhanuzi wa buramatari yari ajejwe ubutunzi na we nyene apfunzwe.
VI. Abanyagihugu bo muri komine Nyanza-lac intara ya Makamba baranegura ukuntu ikibazo c’uburongozi bwa komine yabo kiriko gifatwa minenerwe n’inzego z’igihugu. Ivyo babimenyesha inyuma y’aho inama umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yari itegekanije kuri uyu wa gatandatu isibijwe, ata nsiguro zitanzwe.
VII. Ikiganiro Kw’Isôko kiza guhagarara kw’igaruka ry’abana bo mw’ibarabara mu bice bitandukanye bigize umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura. Ikibazo gisa n’icarengeye inzego z’igisagara ca Bujumbura.

Ibindi bisa n'ibi