I. Ibanki nkuru y’igihugu BRB, mw’ikete yashize ahabona uno musi wa gatanu, yafashe ingingo yokwaka uburenganzira bwo gukora abakorera mu mazu avunja amafaranga, Bureau de change, kuko ngo zitakurikije amabwirizwa zahawe na BRB kubijanye no kuvunja. Abashaka kuvunjisha amafaranga bose bategerezwa kwitura amabanki. BRB isaba abavunjayi bose gufuta guhera uno musi, ivyandiko biri ku mazu bakoreramwo. Iyo ngingo ikazoja mu ngiro guhera itariki 15 za kuno kwezi, Jean Ciza arongoye BRB agasaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’ubw’umutekano gushira mu ngiro iyo ngingo.
II. Igipolisi c’Uburundi kimenyesha ko kigiye kworohereza abakeneye urupapuro rwerekana ko badakurikiranwa n’ubutungane kururonswa. Rusanzwe ruri mu bisabwa kugira bamwe bemererwe kwitoza mu matora yimirije. Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye, avuga ko urwo rupapuro uwurukeneye ashobora kururonswa, ngo mu ntara zose hasanzwe hari ibisata birutanga, n’i Bujumbura rero ahari ibiro vy’inyamiramabi.
III. Mu ntara ya Muyinga havurwa akajagari mw’idandazwa ry’isukari, aho abadandaza bishingira ibiciro uko bashatse. Mu gihe igiciro kizwi n’amategeko ari amafranga 2.500 y’amarundi, bamwe bagurisha 2.700 ahandi 3.000 ku kiro. Abanyagihugu bagatangazwa n’agacerere k’abajejwe intwaro, bakabasaba gucungera ibiciro.
IV. Umuryango w’abamenyeshamakuru mu Burundi wabuze inararibonye muri uwo mwuga, umumenyeshamakuru Athanase Ntiyanogeye yahora akora kuri radiyo na television vy’igihugu c’u Burundi imbere yuko akukuruka. Umumenyeshamakuru Athanase Ntiyanogeye yari n’umwigisha wa kaminuza, akaba kandi yari yaranonosoye ivyirwa bijanye n’imfunguro nziza, ivyo bita nutrition mu gifaransa. Athanase Ntiyanogeye yitavye Imana ku mugoroba wo kuri uyu wa kane i Bruxelles, mu gihugu c’u Bubiligi aho yari yagiye kwivuza. Innocent Muhozi, umwe mubo bakoranye avuga ko umumenyeshamakuru Athanase Ntiyanogeye yari umuntu w’umunyamahoro kandi akunda akazi, akanagakundisha abandi. Innocent Muhozi, umuyobozi wa television Renaissance, akaba ari mubakoranye n’umuhisi.
V. Abaserukira abandi mu makambi y’impunzi z’abarundi iri mu gihugu ca Tanzaniya, bandikiye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR, basaba gukingirwa. Ivyo babikoze inyuma yaho reta ya Tanzaniya imenyeshereje ko impunzi z’abarundi zitegerezwa kuba zahungutse bitarenze itarike imwe y’ukwezi kwa kane, uyu mwaka w’2020. Basaba HCR ko hamwe reta ya tanzaniya itoba igishoboye kubakingira, barondererwe ubuhungiro mu bindi bihugu bishobora kubakira.
VI. Umukuru w’umurwi CENI utunganya amatora, arakurira inkoni ku gishitsi abasaba ko ibisabwa kubitoza vyogabanywa. Pierre Claver KAZIHISE, arongoye umurwi CENI asigura ko umurwi arongoye usoma amategeko akaba ariyo ukurikiza.
VII. Nayo kubasaba ko umurwi CENI wobaha akaryo ko gusubira kwiyandikisha nk’akarorero, abarundi batari mu gihugu mu gihe co kwiyandikisha, umukuru w’umurwi CENI naho nyene aratanga inyishu.