Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/02/2023

Publié le 7 février 2023 par Rédaction
I. Abasirikare b’Uburundi bari mu gihugu ca Somaliya n’abaheruka kuvayo bidoga ko hejuru yuko baronswa agahembo batevye, n’iyo kabonetse ibanki nkuru ibavunjira idolari ku mafranga 2080, mu gihe barondeye kugura idolari barironka ku mafranga arenga ibihumbi 3800 mu mafranga y’amarundi. Ivyo bakabona ko ari ubusuma butegurwa bugakorwa n’abarongoye igisirikare.
II. Ishirahamwe ACAT-Burundi rirahagaritswe umutima n’ingene imanza zimara igihe kirekire muri sentare ntahinyuzwa zitariko ziraburanishwa. Iryo shirahamwe rigafatira akarorero ku rubanza rw’abasirikare bakurikiranwa mu rubanza rujanye n’ibitero vyo kw’ikambi ya Mukoni mu ntara ya Muyinga, batarigera bumvirizwa kuva mu mwaka wa 2018, haraheze imyaka itanu. Ivyo biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uyu wa kabiri. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, asaba umukuru w’iyo sentare gufata ingingo zose zishoboka, kugira imanza zose z’ibirarane zicibwe.
III. Umugambwe Sahwanya Frodebu urabona ko amacakubiri ashingiye ku moko ariko aragabanuka mu Burundi, ariko ata gikozwe, ayo macakubiri ngo ashobora guhindukamwo ayashingiye ku batunzi n’abakene. Ni naco gituma uwo mugambwe usaba ushimitse leta, gutunganya inama rukokoma yo kurabira hamwe intambwe abarundi bagezeko mu vyerekeye ubumwe bw’abarundi, bibaye ngombwa bahinyanyure bimwe bimwe. Ivyo biri mw’itangangazo umugamwe Sahwanya Frodebu wasohoye mu guhimbaza imyaka 32 iheze hateweko igikumu ku masezerano y’ubumwe bw’abarundi. Pierre Claver Nahimana arongoye uwo mugambwe.
IV. Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Makamba baridoga ko ingendo z’abashikiranganji muri iyo ntara ata kinini zifasha ku bibazo bibahanze. Bamwe mu banyagihugu bakagiriza abajejwe intwaro ko batora abaja kubaza ibibazo bitabateranya na Leta.
V. Imirima y’ibiterwa itazwi uburinganire yaratemaguwe ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu, mu gihugu ca Tanzaniya. Abarundi b’impunzi muri iyo kambi bavuga ko urwaruka rw’abasungusungu bafadikanije n’igipolisi, baca ku mirima yose y’ibigori bagasasika. Bavuga ko ari akamaramaza kubona itotezwa ribandanya kandi rigakorerwa abarundi bonyene abacongomani biraramiye, na yo igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR kirorera. Basaba ico gisata kwikubita agashi kigakingira abo barundi bagowe ay’ikivumvu. Ngo kiranakwiye guhanura igihugu ca Tanzaniya kikareka guhonyanga amategeko mpuzamakungu araba impunzi.

Ibindi bisa n'ibi