Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/03/2022

Publié le 7 mars 2022 par Rédaction
I. Umugabo azwi kw’izina rya Toyi wo ku mutumba Musasa komine Kayogoro, mu ntara ya Makamba yaraye agandaguwe muri iri joro ryakeye nk’igihe c’isaha 5 z’ijoro. Ababanyi biwe bakavuga ko imbere yo kugandagurwa atemaguwe, Toyi yahamagawe n’umwe mu bo mu muryango wiwe, ariho yitavye atasubiye mu nzu kuko yaciye agandagurwa. Amakuru dukura ku mutumba Musasa hamwe no mu gipolisi, avuga ko abantu 4 harimwo se na nyina  b’uyo yaraye agandaguwe na 2 mu bo bavukana bahagaritswe n’igipolisi, kumvo z’amatohoza. Amatati yo mu muryango akaba ari yo hakekwa ko yabaye intandaro y’iryo gandagurwa, nk’ukwo amakuru ava mu gipolisi abivuga.
II. Imipaka hagati y’igihugu c’Urwanda n’ibihugu bihana imbibe yasubiye gukora ukuri kwamye kuva kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 7 ukwezi kwa gatatu inyuma y’imyaka hafi ibiri yarugawe. Uruja n’uruza rukaba rwasubiye kwibonekeza hagati y’Urwanda n’ivyo bihugu, kiretse Uburundi butarugurura imipaka hagati  ya bwo n’igihugu c’Urwanda.
III. Naho biri ukwo, umubabaro mwinshi ni wo wibonekeje mu banyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke begereye inkengera z’umupaka wa Ruhwa Uburundi buhana n’Urwanda. Bamwe mu bavuganye na Radiyo Inzamba kuri uyu wa mbere, bavuga ko bazindukanye icizere baziko imipaka y’Uburundi nayo yugururwa, kugira bashore ibidandazwa bamye bashorera mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Abo banyagihugu basaba leta y’Uburundi ko yokwugurura imipaka, kugira bikenure mu bikorwa bari basanzwe bakora.
IV. Gutorera umuti ingorane z’abarondera impapuro z’inzira bagirira mu gisata kijejwe abinjira n’abasohoka PAFE biracari kure nk’ukwezi. Abo bazirondera bakaba bafitiye agashavu abarongoye ico gisata, babagiriza kuguma bakira amahera ntibazitange. Akarorero n’ak’umuntu yemeza ko yahavuye aheba iyo yagira aje, inyuma y’aho arindiriye pasiporo yarihiye amahera mu kwezi kw’icumi umwaka uheze, amaso yaheze mu nzira.
V. Amapikipiki 29, tuktuk 10, imodoka yunguruza abantu yo mu bwoko bwa Coaster hamwe n’ikinga rimwe, ni vyo vyaraye bihiye biratokombera. Bikaba vyahiriye aho vyari bisanzwe birara kw’ibarara rya 10 muri zone Cibitoke, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru ava muri iyo zone kandi akemezwa n’igipolisi, ngo uyo muriro waturutse ku ntsinga za Regideso, ivyo bise court-circuit.
VI. Abasirikare b’abarundi bababa ijana barajabutse uruzi Rusizi kuri uyu wa gatandatu uheze, bagenda mu gihugu ca Republika y’intwaro rusangi ya Congo mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko. Abo basirikare batororokanijwe bava mu makambi atandukanye bagiye gufasha abandi bari kumwe n’imbonerakure bamazeyo amezi arenga abiri. Bamwe mu basirikare bidoga bavuga ko bageze muri Congo bakwa ijambo rigahabwa aha nini imbonerakure.
VII. Abarimyi bo mu ntara ya Ngozi barasaba ko boronswa umwavu ukwiye kuko babona ko bashobora kuzocererwa gutera imbuto. Babivuze mu gihe ikiringo cari catanzwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, kugira ngo iyo fumbire ibe yabonetse, kirengako imisi itatu. Abo barimyi bakavuga ko iyo ifumbire iyo ibonetse, baronswa igice c’iyo basavye.
VIII. Ihiganwa rya basketball ryo kurondera imigwi izitabira inkino z’Uburundi bwose zarabandanije mu mpera y’ino ndwi turangije. Urunani ni rwo ruri mu kibanza ca mbere, Muzinga na yo ikaza mu kibanza ca nyuma. Mu mupira w’amaguru naho hasozerewe kuri uno w’Imana inkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu.

Ibindi bisa n'ibi