Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/04/2022

Publié le 7 avril 2022 par Rédaction
I. Hari ikiziga c’umugabo afise imyaka 56, azwi kw’izina rya Claver Nzeyimana, catowe mu gitondo co kuri uno wa gatatu ku mutumba Kinyami, ni muri komine Kiganda mu ntara ya Muramvya. Amakuru dukura mu barongoye intwaro atumenyesha ko ico kiziga catowe caciwe umutwe n’intoke. Ayo makuru akabandanya avuga ko uwikekwa muri ubwo bubisha asanzwe ari umuhungu wa nyakwigendera, bari basanzwe bafitaniye amatati y’amatongo. Akaba ari mu minwe y’igipolisi ku mvo z’amatohoza. Ayandi makuru akavuga ko Claver Nzeyimana yarazwi ko ari umusuma karuhariwe, akaba yoba yishwe avuye guca ibiti vyo mu muryango batavyumvikanye.
II. Ibiziga 11 vy’abasirikare n’imbonerakure baguye mu ntambara zibera mu buseruko bwa Republika y’intwaro rusangi ya Congo ni bo batahukanywe mu ntango z’iyi ndwi. Bashikijwe mw’ikambi DCA passive, iri aho bita Guantanamo hafi y’ikibuga c’indege ca Bujumbura. Abajabutse uruzi Rusizi batahutse mu Burundi bagera kuri 50. Mu gisirikare c’Uburundi barahakana ko ata basirikare bafise ku butaka bw’igihugu ca Congo.
III. Kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 7 Ndamukiza, amakungu yibutse imyaka 28 iheze habaye ihonyabwoko ry’abatutsi mu mwaka wa 1994 mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Mw’ijambo umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yashikirije atanguza ikigandaro c’imisi indwi yo kwibuka abahitanywe n’iryo honyabwoko, yavuze y’ukwo abanyarwanda basubije hamwe, baragirira n’ikigongwe ababiciye ababo, biciye mu butungane bwuzuriza bose. Paul Kagame akabona ko kw’isi hari intwaro ishingiye ku bintu bitatu, iciswe intwaro rusangi n’intwaro y’igikenye. Hagati y’izo ntwaro zibiri hakazamwo intwaro itavugwa, y’ubwiyorobetsi.
IV. Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo muri komine ya Gisagara, intara ya Cankuzo. Imvo n’ikena ry’igitoro ryabaye ndanse muri iyo ntara. Iyo naho kivanywe mu gihugu ca Tanzaniya giciye mu nzira zitazwi n’amategeko, kigurishwa amahera y’umurengera. Abo banyagihugu basaba abajejwe intwaro gutorera inyishu ico kibazo kimaze imisi.
V. Ibiciro vy’ibifungurwa vyaraduze ku rugero rudasanzwe. Iryo duga ry’ibiciro, ngo vyatanguye kuva aho Leta idugirije igiciro c’ibitoro mu mpera z’umwaka waraye uheze. Ababa muri ico gisagara babona ko ari ukwikinga mu kiza kw’abadandaza, bakavuga ko batabona ingene bagiye kubaho, na cane cane ko agashahara katigeze kaduga ku bakozi ba Leta.
VI. Bamwe mu babomorewe amazu n’uruzi Nyamusenyi muri zone Gitaza ya komine Muhuta mu ntara ya Rumonge, baridogera umukuru w’umutumba ko yanse ko baja ku rutonde rw’abategekanya gufashwa n’ishirahamwe Croix Rouge. Basaba abamukurira kumukebura kugira nabo bagumizwe ku rutonde rw’abategekanywa gufashwa, nk’ukwo bari banditswe n’abakozi ba Croix rouge.
VII. Abanywanyi ba koperative Nduza uno musi bazindutse bugariza parquet ya Mukaza, aho basaba ko uwurongoye iyo koperative yafashwe n’igipolisi kuri uno wa kabiri yorekurwa. Akaba yafashwe n’igipolisi yagirizwa gusahura abanyagihugu basanzwe ari abanywanyi b’iyo koperative. Bamenyesha ko ataco yabasahuye ahubwo ko abafasha mu kwiteza imbere. Umwe mu banywanyi b’iyo koperative.

Ibindi bisa n'ibi