Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/05/2020

Publié le 7 mai 2020 par Rédaction

I. Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Ngozi, yaciriye umunyororo w’imyaka 5, ihadabu y’ ibihumbi ijana (100.000) mu mafaranga y’amarundi, Pasteur Mpawenimana, umunywanyi b’umugambwe CNL, yahagaritswe ku musi wo kwugurura ibikorwa vyo kwiyamamaza. Imodokari yiwe nayo ikaba yashizwe mu minwe ya Leta. Yagirijwe icaha co kunyuruza no gusinzikaza abanywanyi batanu b’umugambwe CNDD-FDD biga kuri kaminuza y’i Ngozi. Abo nabo bakazohabwa indishi y’akababaro ingana na 4.095.000 mu mafaranga y’amarundi, hamwe na 2.500.000 zo kwivuza. Mu gihe ayo mafaranga atotangwa, azoca apfungwa imyaka 12 n’amezi 6. Abo banyeshuri bayoboka umugambwe CNDD-FDD, bariko bafata amafoto y’inomero z’amapikipiki n’imiduga vyunguruje abanywanyi b’umugambwe CNL, igihe uwo mugambwe watangura kwiyamamaza ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi.

II. Abanywanyi babiri b’umugambwe CNL, muri komine Butaganzwa, intara ya Ruyigi, bahagaritswe kuri uwu wa kane. Bagirizwa kuba bakubise amakofe umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD, yaje gufata amafoto n’amajwi aho umugambwe CNL wariko wiyamamariza.

III. Abanywanyi barenga 20 b’umugambwe CNL kuva ejo barabandanya guhagarikwa mu duce dutandukanye tw’intara ya Makamba. Abenshi muri bo akaba ari indongozi z’uyo mugambwe. Bagirizwa kuba bakubita abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD, yamara bo bakabihakana bakavuga ko ico babaziza ari uko bashigikiye Rwasa Agathon. Mwomenya ko abanywanyi 46 b’umugambwe CNL mu ntara ya Makamba, aribo bamaze guhagarikwa kuva hatangujwe ukwiyamamaza.

IV. Abategetsi bamwe bamwe bamaze imisi bakoresha imvugo irimwo ivangura no kudafata ku rugero rumwe, ivyaha bikorwa muri ibi bihe vyo kwiyamamariza amatora, bafatiye ku migambwe abagirizwa ivyaha bakomokamwo. Ivyo bibonekera mu matangazo y’inzego za leta zitandukanye, aho begeka ivyaha ku ndongozi n’abanywanyi b’umugambwe CNL. Ivyaha vyagirizwa abanywanyi ba CNDD-FDD bavuga ko hagiye gukorwa amatohoza, ariko ku vyaha vyagirizwa abanywanyi b’umugambwe CNL, abo bategetsi bategetse ko bafatwa bagacibwa imanza z’ikibiriraho. 

V. Kubw’umushingwamanza Janvier BIGIRIMANA, amategeko y’Uburundi na cane cane ibwirizwa rigenga ivy’amatora mu Burundi, bavuga y’uko hafatirwa ibihano ku vyaha biba vyakozwe mu gihe c’amatora, haba mu gihe c’imyiyamamazo. Ku bwiwe, ingorane zibonekeza n’uko hariho ivyaha bito bito, baca babigira ibintu binini kubera ari abanywanyi b’umugambwe CNL.

VI. Ikiziga ca Richard Havyarimana arongoye umugambwe CNL ku mutumba wa Mbogora, wa komine Nyabihanga, y’intara ya Mwaro, catowe kuri uno wa kane, ku nkengera z’uruzi Ruvyironza, akaba yaramaze imisi 4 atawumukubise ijisho, inyuma yaho atwawe hari mw’ijoro ryo ku w’Imana uheze, n’abari kw’isonga z’urwaruka rw’imbonerakure aho muri komine ya Nyabihanga, nkuko amakuru ava i Nyabihanga avyemeza. Mw’ishirahamwe FOCODE, mu mugambi wayo Ndondeza, basigura ko amazina y’abamutwaye azwi neza mu nzego z’inyamiramabi, bagasaba ko boshirwa imbere y’intahe. Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE.

VII. Urunani mpuzamakungu ruharanira agateka ka zina muntu, ngo ntirizohengeshanya gusaba ko abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bapfunzwe barekurwa, kuko bapfungiwe ubusa. Iryo shirahamwe rifatira ku rubanza rw’abamenyeshamakuru ba Iwacu na Germain Rukuki, ziri mu mwihererero mu ma sentare y’iyungururizo. Hugo GABERRO, ajejwe igisata c’agateka ka zina muntu no gukingira abaharanira agateka kazina muntu mw ‘ishirahamwe FIDH, amenyesha ko bariko baritegura no gutaka, ibisata bidasanzwe vy’agateka ka muntu mw’ishirahamwe ry’Afrika na mpuzamakungu ONU, kugira abo baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi barekurwe.

VIII. Abantu bishitse bakagaragaza ibimenyesto vy’ikiza ca coronavirus mu Burundi, ubu bafise ingorane zo kuronka uburenganzira bwo kwipimisha. Amakuru yo kwizera radio Inzamba ikura mu bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, ahari ikigo kivurirwamwo  abarwayi  ba Covid 19, yemeza ko n’abakozi bakorera muri ico kigo  ari abizegwa mu butegetsi kugira ngo ntihagire amakuru atangwa y’abarwayi bashasha.

IX. Umunezero ni wose ku mpunzi z’abarundi baba mw’ikambi y’i Mulongwe, muri Repuburika iharanira demokarasi ya Congo. Izo mpunzi zikaba zaraye zikomorewe isoko iri hafi y’ikambi, n’inyuma yaho zahora zigira ibirometero birenga icumi, aho bahora bibwa utwo bafise bagiye kurema isoko.

Ibindi bisa n'ibi