Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/05/2022

Publié le 7 mai 2022 par Rédaction
I. Ingingo yo kubuza kubaga inka kuva kuri uyu wa kane uheze igenekerezo rya 5 Ruheshi 2022, yarafashwe mu ntara ya Ngozi. Iyo ngingo ikaba yamaze guteza ubukene bw’ico gifungurwa mu masoko y’iyo ntara. Iyo ngingo ikaba yafashwe kubera indwara itaramenyekana yateye ivyo bitungwa, ikaba imaze guhitana inka zigera kuri 32.
II. Ubukene bw’igitoro mu ntara ya Makamba butuma mu bagikenera bajabuka mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya kukironderayo, mu nzira zinyuranye n’amategeko. Impande y’impanuka zishobora kubera muri ico gihugu, ngo baranasabwa amafranga n’igipolisi ku mpande zose, ayo abapolisi bita ay’amazi.
III. Amafranga arenga ibihumbi 6 ni co giciro c’ikiro c’isukari mu ntara ya Rumonge kubera ubukene bumaze hafi umwaka mu ntara zose z’Uburundi. Amakuru dukura muri iyo ntara avuga ko abayifise bayidandaza ari abategetsi bakomeye basanzwe barongora abandi, ivyo bigatera umutima uhagaze abanyagihugu kuko badafise uwo bitura muri iyo ntara kugira atorere umuti ico kibazo c’isukari. Bagasaba leta gufata ico kibazo mu minwe.
IV. Abanywanyi 7 ba CNL harimwo n’umukuru w’umutumba Ruyumpu wa komine Kiremba mu ntara ya Ngozi, baraye basabiwe umunyororo w’imyaka 20 be n’ukuriha indishi y’akababaro y’amafranga agera ku miliyoni ijana na zitanu. Ico gihano casabwe n’umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Ngozi kuri uno wa gatanu, mu rubanza rwagirizwamwo abo banywanyi ba CNL batanye mu mitwe n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD, hari mu kwezi kwa kane uno mwaka. Umushikirizamanza yabagirije gushaka kugandagura aba CNDD-FDD. Kubw’uwuserukira uwo mugambwe ku mugabane wa Buraya, Aimé Magera avuga ko ata butungane buriko burakora muri iyo dossier, abona ko imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi arizo zari zikwiye gusabirwa ico gihano.
V. Ikigabane Kw’Isôko c’uno munsi kiza kwihweza ibijanye n’ingorane impfuvyi z’umugera wa SIDA zibayemwo. Ni mu gihe uno munsi isi ihimbaza umunsi wabagenewe.

Ibindi bisa n'ibi