Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/06/2022

Publié le 7 juin 2022 par Rédaction
I. Inyuma yo kwemezwa n’inama nshingamateka ku wa 30 rusama uno mwaka, Laurent Kavakure, Stella Budiriganya na Mwalimu Sadiki Kajandi baraye bagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo ku wa 6 Ruheshi umwaka wa 2022 nk’aba commissaire b’umugwi ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR. Bagiye gusubirira Déo Hakizimana, Léonce Ngabo na Karenga Ramadhani bakekwa kudakora ukwo umugambwe CNDD-FDD ubishaka, harimwo n’ukutubaha umukuru w’uwo mugwi.
II. Abarundi bagera ku bice 10% bari mu ngorane zo gufungura nabi.  Biri mu cegeranyo c’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’ibifungurwa kw’isi OCHA. Ivyo biharuro babivuga bafatiye ku matohoza bakoze mu kwezi kwa kane n’ukwezi kwa gatanu, aho berekana ko abarundi bababa imiliyoni zibiri bari mu bibazo vy’ubukene bw’ibifungurwa, na yo abagera ku miliyoni zitatu bakaba babayeho mu mwiheburo udasanzwe. Icigwa c’ishirahamwe OCHA kibaba casohotse kw’igenekerezo rya 3 ruheshi. Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 7 ruheshi, akaba ari wo musi mpuzamakungu wahariwe gufungura neza.
III. Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Rumonge baridogera uburongozi bw’iyo ntara ko bubafukamye mu nda mu vyo gutanga isukari. Batanga akarorero k’aho ihinguriro ry’isukari SOSUMO ryategetseko abantu bafatanywe isukari bakurwa ku ntonde z’abayitora muri SOSUMO, ariko buramatari w’iyo ntara akaba atarigera atanga ayo mazina. Bakaba bamwagiriza ko abifisemwo uruhara.
IV. Aborozi bo mu ntara ya Ngozi bavuga ko agahombo ari kanini biturutse ku ndwara y’icaduka yafashe ibitungwa vyabo. Bavuga ko iyo inka imwe yonyene yafashwe n’iyo ndwara, bashobora guhomba amahera arenga miliyoni zibiri z’amarundi. Basaba abajejwe amagara y’ibitungwa gukora ibishoboka kugira haboneke umuti uvura iyo ndwara, ahandi ho, inkurikizi zizoshikira uwari we wese.
V. Abigisha bababa 120 bo kw’ishure ryisumbuye Lycée Technique Saint Luc ryo mu gisagara ca Bujumbura, kuva kuri uno wa kabiri bahagaritse akazi. Basaba ko boronswa agashahara kabo k’amezi ane bamaze badahembwa. Bakavuga ko batarota basubira ku mirimo yabo igihe ico kibazo kizoba kitaratorerwa umuti.
VI. Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, zahawe ikiringo c’umwaka kugira zibe zatahutse mu gihugu cabo. Ubwo butumwa bubagabisha, bwatanzwe kuri uno wa kabiri n’intumwa zari zishikiye muri iyo kambi. Izo nazo zari zigizwe n’uwuserukira Uburundi mu ntara ya Kigoma hamwe n’uwuserukira impunzi muri leta ya Tanzaniya. Kubw’izo mpunzi, amajambo yarabazanye, kwari ukubabwira ko amahoro n’umutekano vyiraye mu gihugu, kandi ko impunzi zitokwega amaguru mu gutaha. Ayo majambo izo mpunzi zivuga ko ari ay’iterabwoba, arazihagaritse umutima. Zikavuga ko zitinya gutahukanwa ku nguvu.
VII. Tanzaniya isabwa kureka guhonyanga agateka ko kwiga ku bana b’impunzi z’abarundi. Ako kamo gaterwa na CBDH-VICAR, urunani rw’abaharanira agateka ka muntu mu makambi y’impunzi yo muri aka karere. Ibibazo vy’igice ca gatatu vyari bitegekanijwe gutangura kuri uyu wa mbere n’uno musi ntivyabaye mw’ikambi ya Nduta. Abajejwe indero muri iyo kambi basigurira abigisha ko ata mpapuro ziriho zo gusohora ibibazo. Urunani CBDH-VICAR rubona ko ari ayandi mayeri yo guhatira impunzi gutahuka. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani.
VIII. Mu gisagara ca Kayanza havugwa ubusuma bw’intsinga zitwara umuyagankuba ku mabarabara bumaze indwi zibiri bwibonekeza. Ubwo busuma bukaba bumaze kubera muri karitiye Mukoro, mu micungararo y’ahari ibanki BCB, ku Ruganza n’ahari inyubakwa y’ibiro vy’intara bijejwe ibidukikije. Kugeza ubu, hakaba hamaze kwibwa intsinga z’uburebure burenga imetero amajana umunani. Ingaruka zikaba ari uko muri utwo turere izo ntsinga ziba zibwemwo, abantu barara mu kizime n’ibikorwa bitandukanye bikoresha umuyagankuba bica bihagarara. Mu gipolisi bakavuga ko ubwo busuma bukorwa mw’ijoro, mu kuduga hejuru guca izo ntsinga bakoresha ibikoresho bimeze nk’ivyo abakozi ba REGIDESO bakoresha. Ku bw’amatohoza rero, ngo haramaze gufatwa abantu babiri, bakaba bafatanywe bimwe muri ivyo bikoresho. Igipolisi kikavuga ko kigiye kuhamera magabo kugira ubwo busuma butuzwe.

Ibindi bisa n'ibi