Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/06/2023

Publié le 7 juin 2023 par Rédaction
I. Hari umugabo w’imyaka 40 yaraye yitavye Imana mu bucagucagu bwo kuri uyu wa ga 3 igenekerezo rya 7 z’uku kwezi kwa Ruheshi muri komine n’intara ya Cankuzo. Uwo musirikare yahora agendesha imodokari ya gisirikare mw’ikambi y’i Mutukura mu ntara ya Cankuzo, bikavugwa ko yitavye Imana mu gihe yari yararanye n’umwigeme w’imyaka 31 mw’ihoteri iri ku mugwa mukuru w’iyo ntara. Uwo mwigeme akaba amaze gufatwa n’igipolisi ku mvo z’amatohoza.
II. Abakenyezi bo muri komine ya Kibago mu ntara ya Makamba muri kino gihe batekewe n’ubwoba. Ivyo bikava ku rwaruka rw’imbonerakure rubategeka kuba batashe mu ngo zabo imbere y’isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Uwuhirahiye ngo abirengeko arakubagurwa agahohoterwa, imbere yo gutwarwa mu gipolisi yagirizwa guhungabanya umutekano. Abo bakenyezi n’abigeme bariyamiriza iyo ngendo y’izo mbonerakure, bakavuga ko agateka kabo kariko karahungabanywa.
III. Umuhari MAP Burundi Buhire uhamagarira imigambwe yose iyo iva ikagera, gushira inguvu hamwe ikiyamiriza agahotoro k’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, uriko ugaburamwo kubiri umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa, mu guhagarika ibikorwa vyawo. Libérat Ntibashirakandi avugira umuhari MAP Burundi Buhire arakebura umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko yategerezwa kurangura amabanga yiwe ku neza y’imigambwe yose yemewe mu gihugu.
IV. Igikorwa co gucandaga abana indwara y’ubukangwe kizotangura mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 10 Ruheshi gushika kurya 13 uno mwaka. Vyamenyeshejwe n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu Burundi, mw’itangazo bwasohoye kuri uyu musi wa gatatu. Isekeza ryo gucandaga rizoba mu gihugu cose kandi hazocandagwa abana bafise imyaka y’amavuka kugera kuri indwi. Abo bana bazocandagwa mu gihugu cose bakaba barenga 2.700.000. Ubwo bushikiranganji buvuga ko irindi sekeza ryo gucandaga abana indwara y’ubukangwe ritegekanijwe mu kwezi kw’indwi n’ukw’icenda uyu mwaka. Iri sekeza rikaba ribaye inyuma yaho leta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, bwemeje ku wa 17 Ntwarante uyu mwaka ko iyo ndwara yasubiye kwibonekeza mu Burundi inyuma y’imyaka 12. Muri iryo tangazo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi buvuga ko abakozi babwo bashika ibihumbi 12 bahawe inyigisho zikwiye, kugira kw’igenekerezo rya 10 Ruheshi batangure gucandaga mu gihugu cose. Ico gikorwa kikazokorwa ku rugo ku rugo. Mu ntara ya Bubanza abana barenga ibihumbi ijana ni bo bitezwe bazocandagwa. Dr Joelle Bigirimana ajejwe intara y’ubuvuzi ya Bubanza akaba avuga ko abana 3 bamaze kwandura iyi ndwara muri zone ya Gatumba.
V. Ibanki nkuru y’Uburundi iramenyesha abarundi bose ko inoti y’ibihumbi 10 n’iy’ibihumbi 5 zakozwe kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro 2018, zitegerezwa gusubizwa muri banki mu kiringo kitarenze imisi 10. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa gatatu n’umuyobozi mukuru wa BRB, izo noti zikaba zigiye gusubirizwa n’izindi nshasha zakozwe kw’igenekerezo rya 7 Munyonyo 2022. Dieudonné Murengerantwari umuyobozi mukuru wa BRB akaba yamenyesheje ko imvo itumye izo noti zihindurwa, ari ukwo hari haheze imisi izo noti zitaboneka mu ma banki nk’ukwo bishemeye.
VI. Ingingo yo gukinga umwimbu si iyo gufatirwa ku rwego rw’intara, nk’ukwo umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu yaraye abisavye ba buramatari b’intara z’igihugu. Uwurongoye ishirahamwe PARCEM rihamagarira abarundi guhindura ingendo, asigura ko intara zitimbura co kimwe ari na co gituma uguhanahana umwimbu biciye mu rudandazwa atari intambamyi na gato, nk’ukwo bisigurwa na Faustin Ndikumana.

Ibindi bisa n'ibi