Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/07/2020

Publié le 7 juillet 2020 par Rédaction

I. Abanyagihugu bo mu ntara ya Ruyigi basaba ubushikiranganji bujejwe ubudandaji guhagurukira ikibazo c’isukari cabaye ndanse muri iyo ntara. Kubw’abo banyagihugu, ubu ikilo c’isukali ahatari hake kigeze ku 5000 vy’amafaranga y’amarundi, kandi naho nyene ikaboneka bigoranye.

II. Kutubahiriza amategeko ni vyo bituma isukari ikena mu gihugu. Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta OLUCOME, amenyeshako abadandaza isukari benshi bari mu mugambwe uri kubutegetsi, bakaba bashigikiwe n’abajejwe intwaro. Ngo ni naco gituma bayinyegeza kugira bayizimbeko.

III. Haraheze indwi zitatu abantu 7 bapfungiwe mu gasho ka parike ya Makamba. Abo bantu baturuka mu ma komine ya Kayogoro na Makamba, bagirizwa kuba baragaragaje akanyamuneza igihe Petero Nkurunziza yitaba Imana. Imiryango yabo ikababazwa no kubona bapfunzwe igihe kingana uko, batararengutswa imbere y’intahe.

IV. Hari umunyagihugu wo ku musozi witwa Muyebe, muri komine Nyabihanga, mu ntara ya Mwaro, yidoga. Uyo munyagihugu yagiriza musitanteri w’iyo komine Nyabihanga, ko ariko aramuburabuza mu kumubuza kwubaka inzu mw’itongo ryiwe ry‘umuryango. Uwo musitanteri ngo yoba amwagiriza ko ashaka kwubaka ingoro y’umugambwe CNL, ivyo uwo munyagihugu yamirira kure. 

V. Ubwicanyi bubandanya kwimonogoza mu Burundi, mu kiringo c’indwi imwe gusa hahindutse ubutegetsi mu Burundi abantu 13 nibo bishwe, muri bo umunani batowe ari ibiziga, abandi baburwa irengero. Abakenyezi nabo bakorerwa amabi afatiye ku gitsina, nk’uko biri mu cegeranyo c’umuhari Iteka co mw’iy’indwi dusozereye. Abagirizwa ayo mabi bakaba ari bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure, abapolisi n’abajejwe intwaro. Umuhari iteka usaba abo bategetsi bashasha kwikubita agashi, bagashira mu bikorwa ivyo bavuga mu majambo.

VI. Ubwoba ni bwinshi mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Rutana. Ingingo zo gucunga abapfungwa zarongerejwe inyuma y’amasasu yumvikanye ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana. Amakuru ava aho mw’ibohero rya Rutana, amenyesha ko abapolisi bari kw’izamu aribo barashe amasasu atandatu. Ayo makuru nyene yemezako muri iryo joro nyene, haciye hafatwa abakenyezi babiri, bashirwa mu tuzu twitwa ikosorero, babagiriza ko boba aribo bagomba gutoroka ibohero rya Rutana. Ivyo navyo bakaba bavyamirira kure. Bakavuga ko ari irementanya. Ntitwashoboye kuronka abajejwe iryo bohero ngo batange umuco.

VII. Kwambara agafukamunwa ryari itegeko ku munyagihugu wese akomeye canke arwaye mu ntumbero y’ukwirinda ikiza Covid-19. Ivyo bishikirizwa na Muganga Côme Konakuze, umuhinga mu bijanye n’indwara zandukira. Abivuze inyuma yaho umushikiranganji w’amagara y’abantu Muganga Thaddée Ndikumana ashikirije kuri uno wa mbere yugurura isekeza ryo kwipimisha ico kiza, ko umunyagihugu azoza arambara agafukamunwa iyo abonye afise ibimenyetso vy’ikiza Covid-19.

Ibindi bisa n'ibi