I. Umuntu umwe yapfuye, abandi umunani barakomereka ku mutumba Rwingoma, muri komine Buhiga y’intara ya Karusi kuri uyu wa gatatu. Bane muri abo bakaba ari abantu bari batwaye amatafari ku makinga, bakaba bagonzwe n’imodoka yo mu bwoko bwa FUSO. Abandi batanu bakaba bakomeretse barashwe n’umupolisi, igihe yariko arigizayo abanyagihugu bariko baratera amabuye abari mu modokari yarihejeje kugonga abantu, nk’uko amakuru atangwa n’igipolisi avyemeza.
II. Igipolisi kiriko kirakora amatohoza ku bitero bimaze imisi biba. Ivyo vyaraye bimenyeshejwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi. Petero Nkurikiye agirako amenyesha ko hari n’abantu batari bake bamaze gufatwa. Ifatwa ry’abo bantu ariko, mu muhari uharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka bavuga ko riba hadakurikije amategeko, kandi ko abafatwa boba aha nini ari abazira umukeko kubera ivyiyumviro vya politike canke akazi baranguye muri kahise.
III. Abikekwa kuba baragandaguye umwigeme w’imyaka iri hagati ya 20 na 30, yatowe yahambwe ku rugo rw’uwitwa Ntandikiye Anselme muri karitiye Kinindo, komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura, barafashwe. Vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu n’umuvugizi w’ubushikiranganji w’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano, agasaba aboba barabuze uwabo muri ubwo buryo ko bobwitura.
IV. Hari umutamakazi w’imyaka 76 yitwa Léocadie Numvirindi, wo ku musozi wa Bwisha, komine Gashoho yo mu ntara ya Muyinga, yahatswe kugandagurwa ku muhingamo w’ejo ku wa kabiri n’igitero c’abantu bo kuri uwo mutumba, yagirizwa uburozi maze ahakurwa n’abajejwe umutekano banyarutse gutabara, nk’uko amakuru ava aho kuri uwo mutumba avyemeza. Abo bene kugira ico gitero babonye abajejwe umutekano bamubakuye mu vyara ngo baciye batwarwa n’agashavu baca baja guturira inzu y’uwo mutamakazi, ariko naho nyene igipolisi gifadikanije n’abajejwe intwaro ku mutumba Bwisha ngo barabatesha guturira iyo nzu, nkuko ayo makuru abandanya avyemeza. Ababanyi b’uwo mutamakazi bakavuga ko yoba ariko azira amatati y’itongo ari hagati yiwe n’umwe mu muryango. Ico kibazo kijanye no kwikekana uburozi, kikaba giteye ingorane zifatiye ku mutekano muke, zikunda kwibonekeza cane cane mu ma komine ya Buhinyuza, Mwakiro na Giteranyi aho mu ntango z’uno mwaka hishwe abantu bagirizwa uburozi.
V. Ikurwa ry’abakozi bo ku bitaro vya Makamba ridakurikije amategeko rishobora kuzoteza uruhombo rukomeye ivyo bitaro mu misi iza. Nk’uko bivugwa n’abakozi baho, umuyobozi ajejwe ubutunzi n’ivy’intwaro Eric Ndayegamiye, amaze kwirukana bidakurikije amategeko abakozi bagera kuri 7 mu mwaka amaze muri ayo mabanga.
VI. Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara c’intara ya Kayanza bagizwe aha nini n’abadandaza bafise amazu hafi y’ibarabara rikuru RN1, baratewe umutima uhagaze n’ico bagiye gutungisha imiryango yabo inyuma y’isamburwa ry’amazu yabo ryimirije. Ayo mazu akaba yubatswe hadakurikijwe amategeko bikavugwa ko beneyo bategerezwa gusiga imetero zitandatu uvuye kw’ibarabara. Bagasaba leta kudashira mu ngiro iyo ngingo yo kubasamburira.
VII. Abanyagihugu bafise amazu ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga basaba uwurongoye komine Muyinga, kubapimira bushasha uburinganire bw’amazu yabo kugira baze barihe ikori ry’agataka rihuye n’uburinganire bushasha bw’ibibanza vyubatswemo ayo mazu. Ivyo babisavye inyuma yaho bamojwe amazu yabo mu kubahiriza ingingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, isaba ko amazu yose yubatswe munsi y’imetero 6 uvuye kw’ibarabara rikuru bisambugwa.
VIII. Inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma zirasozerwa n’urukino ruhuza Ubwongereza na Danemark. Ubwongereza bukinira imbere y’abakunzi babwo kandi buhagaze neza kuva izo nkino zigitangura, nibwo buhabwa amahirwe yo gutsinda. Muri Copa America, naho urukino rwa nyuma ruzohuza Brésil na Argentine.