I. Abashingamateka baheruka gutorwa batoye inzego zizobarongora mu nama nshingamateka, kuri uyu wa gatanu. Daniel Gélase NDABIRABE ava mu mugambwe CNDD-FDD, niwe yatowe ngo arongore inama nshingamateka. Abashingamateka bava mu mugambwe CNL bakaba batitavye ayo matora. Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL akavuga ko hari ivyo batumvikanyeko.
II. Umukuru w’igihugu yaraye asubiye gutera akamo abarundi bose bahunze ngo bahunguke. Evariste Ndayishimiye yabivuze mu gihe yariko yinjiza mu mabanga yiwe buramatari mushasha w’intara ya Kirundo. Yaragirije Urwanda atabuvuze izina, gukingira abo avuga ko bakoze amabi mu 2015 mu Burundi, anasaba ko boshikirizwa Uburundi. Kubwa Charles NDITIJE, umunyapolitike yahunze, ayo majambo ya Evariste Ndayishimiye ntahumuriza impunzi.
III. Abanyagihugu bo mu ntara ya Gitega n’abacungera ibohero rya Gitega, baratewe umutima uhagaze n’umunyororo akurwa mw’ibohero akamara imisi ari hanze, mu nyuma akagarukanwa muri iryo bohero. Uwo munyororo agendera mu modokari y’iperereza, bigatuma bibazako yoba akoreshwa mu bubisha butandukanye, harimwo n’ubwicanyi.
IV. Muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba, abatware bo hasi barahagaritswe agasakisaki muri iyi ndwi, bagirizwa amabi atandukanye ajanye no guhonyanga agateka ka zina muntu. Abanyagihugu bo muri iyo komine basaba ko hoba amatohoza abo icaha cagira bagahanwa ivy’akarorero. Mwomenya ko kuvyerekeye iryo fatwa ry’agasakisaki OPC1 Gilbert Ngendakazi, umukuru w’ikirindiro muri komine Gihofi mu ntara ya Rutana, afunzwe kuva kuri uno wa kane mu ntara ya Makamba.
V. Abanyeshure barangije amashure yisumbuye mu bisata vya scientifiques na Lettres modernes baridoga ko batakironswa akazi k’ukwigisha iyo batanze impamyabushobozi zabo mu bushikiranganji bw’indero. Ubwa mbere baronse iyo mpamyabushobozi, ngo baca babajana gukarisha ubwenge mu vyo kwigisha gurtyo bakaronswa akazi, none ubu leta ngo yarabikuye, ari naco gituma leta itabemerera kwigisha kino gihe.
VI. Umuntu umwe yarapfuye, abandi umunani barakomereka biturutse kw’isanganya ry’isengero rya Pentekoti ryabomotse mu gihe ryariko rirubakwa. Ivyo vyabaye ku muhingamo wo kuri uyu wa kane ku mutumba Kayombe, wa komine Bugarama, intara ya Rumonge. Uwapfuye akaba yacikanye ashikanywe kwa muganga, abandi basigaye bariko bavurirwa ku bitaro bikuru vya Rumonge. Aya makuru aremezwa n’abajejwe intwaro, bavugako iryo sanganya ryoba ryatumwe n’ubumenyi buke abariko bubaka iryo sengero bafise. Bagahanura abubaka gukoresha abize ibijanye n’ubwubatsi.
VII. Leta y’Uburundi ntiyari ikwiye kwica amatwi kubijanye n’igwirirana ry’abanyororo kuko amabohero yarengewe kuko arimwo abarenga incuro zitatu z’abo bari bagenewe kwakira. Bishikirizwa n’umushingwamanza Armel Niyongere, arongoye ishirahamwe rukristu ACAT Burundi, rijejwe kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Yabishikirije kuri uyu wa gatanu, igihe iryo shirahamwe ryasozera isekeza ryo gusaba ko abanyororo bogabanurwa mu mabohero.