Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/08/2023

Publié le 7 août 2023 par Rédaction
I. Abantu icenda barishwe, abandi icenda nyene barakomereka bidasanzwe mu ndwi iheze, mu ngwano zahuje abasirikare b’Uburundi hamwe n’abagwanyi b’umuhari w’abanyarwanda FDLR, zabereye mw’ishamba cimeza rya Kibira muri komine Mabayi y’intara ya Cibitoke. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’indwi iheze c’umugambi SOS Torture w’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu. Ico cegeranyo kandi kigaruka kw’ipfungwa ridakurikije amategeko ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye.
II. Imyidogo ni myinshi ku bafyatuzi b’amatafari bo mu ntara Makamba biturutse ko igipolisi kibabuza gufyatura amatafari. Abo bakora ako kazi bakemeza ko ikibanza kimwe catanzwe na Leta kitabakwira, bagasaba ko bokwemererwa gufyaturira mu bibanza basanzwe bifitiye.
III. Imyidogo ni myinshi ku bakozi bo ku bitaro vyo muri district Gahombo iri mu ntara ya Kayanza. Ni mu gihe abo bakozi bagiriza abarongoye ivyo bitaro kunyonyeza amatungo y’ivyo bitaro. Amakuru dukura kuri ivyo bitaro, amenyesha ko hibonekeje ubusuma bw’amafranga angana n’imiriyoni cumi na zitanu abura mu kigega c’ivyo bitaro. Barongera bakamenyesha ko imodoka rusehabaniha bayishirako amafranga y’umurengera ajanye n’ibitoro hamwe n’ukuyikoresha, n’aho iyo modoka imara amezi idakora. Abo bakozi bakanidogera no ku bijanye n’imiti ikoreshwa n’iryo vuriro, y’uko naho nyene harimwo ubusuma butari buke. Bagasaba abajejwe ubuvuzi muri iyo ntara kugarukira ivyo bitaro, amazi atararenga inkombe.
IV. Ishirahamwe ry’abadandaza ACOBU risaba yuko ivy’ibibanza vyo mw’isoko vyokwigwa habanje gutandukanywa abahawe ibibanza mu masoko na leta hamwe n’abavyiyubakiye. Antoine Muzaneza arongoye iryo shirahamwe, abona ko bigoye y’uko umudandaza yotakaza ikibanza yiyubakiye kikandikwa ku wo yahaye akazi. Asaba y’uko abadandaza bokwicarana n’abaserukira igisagara ca Bujumbura n’abajejwe gutoza amakori, kugira ntihagire umudandaza ahahombera.
V. Mu makuru y’inkino, umugwi wa Dynamo ni wo uzoserukira Uburundi uno mwaka, mu nkino zo kurondera igihugu kizoserukira akarere duherereyemwo mu nkino zo ku mugabane wa Afrika bita Road to BAL, mu rukino rwa Basketball. N’inyuma yo gutahukana igikombe ca playoff itsinze Urunani ubugira 4.  Na yo mu mupira w’amaguru, Aigle noir ni yo yaraye itahukanye igikombe ca Super Coupe. Turababwira n’ayavugwa muri Handball na tennis de table.

Ibindi bisa n'ibi